Amashirahamwe akorera mu Burundi yubahirije ingingo yareta yo kuyahagarika mu kiringo c'amezi atatu

Care International yasavye abakozi bayo kudatonda ku kazi kuva kuri uyu wa mbere
Insiguro y'isanamu, Care International yasavye abakozi bayo kudatonda ku kazi kuva kuri uyu wa mbere

Kuri uyu wa mbere ni ho ingingo y'inama nkuru y'umutekano mu Burundi ihagarika amwe mu mashirahamwe yigenga mpuzamakungu mu kiringo c'amezi atatu yatangura gushirwa mu ngiro.

Ibiro vy'amwe muri ayo mashirahamwe BBC yagendeye mu gisagara ca Bujumbura vyari vyugaye ata n'inyoni ikoma.

Akarorero ni ishirahamwe Care International. Ushitse aho rikorera uhasanga abajejwe gucungera umutekano bita aba 'city' bicaye ku bwijnjiriro bukuru bw'ico kigo ariko hugaye.

Eka n'ishirahamwe GIZ ry'abadagi rifasha mu bikorwa vy'iterambere umumenyeshamakuru wa BBC yahaciye arabura uwumwakira kubera na ho nyene hari hugaye.

Ibiro vya GIZ I Bujumbura mu Burundi

Ariko hari amashirahamwe amwe amwe yaranguye imirimo, nk'ibitaro vy'abaganga batagira imbibe MSF.

Umumenyeshamakuru wa BBC yasanze biriko birakira abarwaye ukuri kwamye ndetse n'abaza gusuhuza abagwaye nta ngorane bigeze bagira.

Uwujejwe gutanga amakuru muri iryo shirahamwe yabwiye BBC ko hataragera ko bagira ico bashikirije ku ngingo yo guhagarika ayo mashirahamwe iherutse gufatwa n'inama nkuru y'umutekano.

Mu mpera z'iyinga, ishirahamwe Care International yarandikiye ikete abakozi ko kuza kuri uyu wa mbere ata kazi kazoba kahari, kandi ko basabwe kugumiza ibikoresho vy'akazi nk'imiduga n'amapikipiki ku kazi.

Kuri uno wa mbere kandi hari hategekanijwe inama yari guhuza ayo mashirahamwe yose n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, ariko iyo nama ubushikiranganji bwahavuye buyisivya ku munota wa nyuma ku mvo zitashoboye kumenyekana.

Amakuru ava mu ntara za ruguru avuga ko imirimo y'amwe mu mashirahamwe akorera muri izo ntara itaranguwe.

Care International yasavye abakozi bayo kudatonda ku kazi kuva kuri uyu wa mbere

Kugeza ubu urutonde rw'amashirahamwe arabwa n'iyo ngingo reta ntirarushira ahabona.

Iyingingo yo kuyahagarika yafashwe mu mpera z'indwi iheze n'inama nkuru y'umutekano.

Iyo nama ikayagiriza kudakurikiza amategeko y'uburundi.

Kuva habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, amashirahamwe atari make yarahagaritswe ayandi arafutwa burundu, amwe amwe akaba ubu akorera mu buhungiro iyo abayatwara bahungiye.

Mu kwezi kwa gatanu, amaradiyo ya VOA na BBC yarahagaritswe mu kiringo c'amezi atandatu yagirizwa kurenga ku mategeko mu gushikiriza inkuru.

Mu nama ya Onu ijewe agateka ka zina muntu kw'isi iheruka kubera kubera i Geneve, Uburundi bwaragirijwe kubandanya buhonyanga agateka ka zina muntu.

Ako kanama kakaba mbere kongeye ikiringo umugwi ujejwe kugira amatohoza mu Burundi.

Uburundi bukaba bwaragabishije ko bushobora kwivana mu kanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu buvuga ko babandanya kubukorera inteba ishushu.