Abubatse muri komine Buterere mu Burundi bavuga ko "bahafitiye ivya ngombwa"

Amwe mu mazu yo ku Buterere
Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi buvuga ko amwe mu mazu ari muri komine Buterere ko atubahirije amategeko igihe yubakwa

Mu gihe inama nkenguzamateka y'u Burundi yasavye ko amwe mu mazu yubatse muri Komine Buterere yobomogwa mu kuba atakurikije amategeko, ba nyeneyo bo bavuga ko bayafitiye ivya ngombwa.

Ivyo vyashikirijwe ku munsi wa mbere, igihe abakenguzamateka bariko barihweza ibijanye n'inyubako zidakurikije amategeko mu gisagara.

Inzu 138 zubatswe mu kibanza kingana na hectar 64 nizo zirabwa n'iyo ngingo.

Bene amatongo bemeza ko bahubatse biciye mu mategeko, ndetse mbere ngo bafise n'impapuro za yo.

Aha ni muri komine Buterere

Ahavuye isanamu, BBC

Insiguro y'isanamu, Ba nyene amazu bavuga ko bafise ivyangombwa vy'amatongo yabo

Haciye amezi atatu inama nkuru y'umutekano itegetse ko ayo mazu yobomorwa kugira bakingire ico kibanza c'ihuriro ry'imicafu iva mu gisagara ca Bujumbura.

Amamashini ayungurura imicafu amaze igihe adakora neza.

Muri iyo nama y'abakenguzamateka hari hatumiwe abashikiranganji batatu, uw'umutekano, uw'ibidukikije n'uw'intwaro yo hagati mu gihugu bakaba bari batumiwe.