Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa mbere w'intara imwe yo mu Buhinde yatangaje umugambi wo kugira ubushikiranganji bujejwe inka
Reta y'intara imwe yo hagati mu gihugu c'Ubuhindi yatangaje umugambi wo gutanguza ubushikiranganji bujejwe inka gusa.
Umushikiranganji wa mbere w'intara ya Madhya Pradesh Shivraj Singh Chouhan yavuze ko iyo ngingo izofasha kwongereza amahera yo gukingira inka.
Inkuru zivuga ko Chouhan wo mu mugambwe wa BJP yafashe iyo ngingo nk'imwe mu nzira yo kurusha amajwi uwuserukira uwundi mugambwe batavuga rumwe wa Congress, aho umwe wese agerageza kuronka amajwi menshi muri abo bantu bemera cane inka.
Yasohoye iryo tangazo inyuma y'imisi mike umukuru w'umugambwe Congress muri iyo ntara ya Kamal Nath yemeye ikibanza co gutungiramwo inka mu gihe umugambwe wiwe wotahukana intsinzi.
Yavuze ko ababazwa cane n'ingene inka zipfa kenshi na kensi zigonzwe n'imodoka ziriko zirajabuka ibarabara muri iyo ntara.
Umugambwe wa BJP waranebaguye uwo ariko aritoza ku ruhade rwa Congress umwagiriza ko bafise ingeso yo kugabira amatongo abantu bigatuma inka zibura aho zirisha.
Iyo ntara irafise akanama gashinzwe kwihweza ibibazo vy'inka kazwi kw'izina rya Gau Samvardhan ariko Chouhan yemeza ko ubushikiranganji buzijejwe ari bwo bukwiye kugira bukurikirane ivyazo gusa.
Ikinyamakuru ca Hindustan Times candika ko yavuze ko "Ako kanama gafise ingorane nyinshi z'amahera ariko ko habonetse ubushikiranganji bwazo ico kibazo kitazosubira kubaho."
Inka zifatwa nk'ibikoko vyeranda n'abemera idini rya Hindu ari na bo benshi mu gihugu c'Ubuhinde kandi ukwica inka birabujijwe mu ntara nyinshi z'ico gihugu.
Kirazira kandi kurya inyama y'inka.