Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuhinde: Ikivunge cy'aba Hindu bishe abayisilamu babiri baregwa 'kwiba inka'
Igipolisi mu majyaruguru y'uburasirazuba bw'Ubuhinde kivuga ko umutwe w'abaturage bo mu idini rya Hindu, bakubise abasore babiri b'abayisilamu kugeza bapfuye.
Abo basore baregwaga kugerageza kwiba inka. Ibi bikurikiye ibindi bikorwa by'urugomo nk'ibyo bimaze igihe biba kubera inka, zifatwa n'abo mu idini y'aba Hindu nk'ibiremwa byihariye.India Assam mob kills two Muslim men over 'cow theft'
Mbere hari habanje kuvugwa ko abaturage bo mu mujyi rwagati muri leta ya Assam bashinje abo bantu babiri kugerageza kwiba inka. Barazirukankanye, bamaze kuzifata barazikubira bakoresheje inkoni.
Hari n'abavuga ko bafashe amashusho y'ibyabaye kuri telofoni ngendanwa zabo.
Ntiharamenyekana niba ibi bifitanye isano n'umwuka wa politiki muri rusange, ariko bibaye nyuma y'ibitero bitandukanye ku bantu bashinjwa kurya inyama z'inka, cyangwa kwica no kwiba inka.
Benshi mu batungwa agatoki biganjemo abayisiramu.
Abasesengura bavuga ko impirimbanyi z'aba Hindu zishyigikiwe na guverinoma yabo imaze imyaka igiye ku butegetsi, ubu ikaba inayobora leya ya Assam.