Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitsina c'umukobwa kirashobora kwanka iyo hageze amabanga mpuzabitsina ico bita "vaginisme"
Igitsina c'umukobwa kirashobora kwanka iyo hageze amabanga mpuzabitsina ico bita "vaginisme", ivyo vyashikiye umwigeme Isley Lynn nubu akiriko.
"Si iminsi yose ushobora kugenzura ingene umubiri wawe uja kwigenza. Uba ubifisemwo canke utabifisemwo uruhara."
Igihe Isley Lynn yibuka ingene yaranguye ubwa mbere amabanga mpuzabitsina akiri muto, abivuga nk'umuntu atari ubwa mbere abikora.
"Nasanze bibabaza cane. Numva umengo ndarangiye. Niyumvamwo amakosa kandi ayo makosa atanturutseko. "
Mu gihe benshi muri twebwe bashobora kwegekwako amakosa yo kutavyifatamwo neza igiye baranguye amabanga mpuzabitsina ubwa mbere, ivyashikiye Isley vyo bituruka ku ngorane y'amagara.
Isley akwije imyaka 30 muri kino gihe, aracumva ububabare butewe n'igitsina ciwe, akaba yaranditse igikino yise "Skin a Cat" asiguramwo ivyamushikiye.
Ikigo kijejwe amagara "National Health Service" (NHS) gisigura ijambo "vaginisme" ko ari igihe igistina-gore gisa n'ikigize ubwoba kikiyegeranya iyo hari ikintu kigiye kucinjiramwo.
Imitsi yaco iratimba, kandi umugore ntaco aba afise yobihindurako ico gihe.
Umukobwa afise iyo ngorane ntashobora gukoresha "tampon", agakoresho ko mu butinyanka (raba ifoto munsi), biramugora kurangura amabanga mpuzabitsina, akumva umengo ariko arasha, akababara cane.
Isley avuga ati: "Nakoresheje ubwa mbere "tampon" mfise imyka 10. Sinashobora kuvyihanganira, wamengo nta mwobo uriho, ukamengo ikibanza categerezwa kubamwo umwobo kirimwo uruhome.
"Naciye menya ko hari ikintu kitagenda neza, inyuma yaho mbonaniye ubwa mbere n'umuhungu twakundana."
Ivyo vyarakozeko Isley na cane cane mu migenderanire yiwe n'abagenzi.
"Numva mfise ubwoba, mbona ko abo duhura bahava biyumvira ngo sindabakunda ca nke ko ndabirengagiza," niko yavuze.
Uwo mwanditsi w'ibikino yatowe ko afise ingorane ya "vaginisme" akiri muto, aravugwa hakoreshejwe ibikoresho vyo kwagura igitsina, biracagura kandi bituma imitsi yaco yirekura.
Isley avuga ko inyuma yo kugerageza ubwo buryo, yasanze bitamufasha kandi bidashobora kumuzanira umunezero.
"Umuhinga w'umu "thérapeute" niwe yampagaritse ambaza ko nipfuza kumera nk'abandi.
"Nico kiganiro wumva mu gice ca nyuma c'igikino. Uwo mukinyi abazwa ico yipfuza ku bijanye n'ubuzima bwiwe ku vy'amabanga mpuzabitsina.
"Abona ko adashobora kugira ubuzima bushingiye ku gitsina ngo aryohegwe nk'abandi bose.
Biragoye kumenya abagore bafise ikibazo ca "vaginisme" mu gihugu c'Ubwongereza, naho mu cigwa cakozwe bivugwa ko umwe mu bagore 10 bo mu Bwongereza basanga kurangura imibonano mpuzabitsina bibabaza.
Ivyo bitigiri bishobora kuba vyaturutse ku zindi mvo - ariko ingorane ya "vaginisme" ikabamwo.
""Vaginisme" si ububabare igihe c'imibonano mpuzabitsina, ahubwo ituruka ku mubiri ingene wigenza ico gihe," niko bisigugwa na Dr Vanessa Mackay akora ku bitaro "Queen Elizabeth University Hospital" vy'i Glasgow.
"Biragoye kuvuga igitigiri c'abagore bafise ico kibazo bitewe nuko abagore bababazwa n'imibonano mpuzabitsina batabiserura," niko Dr Mackay abandanya avuga.
Uretse imvo zituruka ku gitsina, iyo ngorane ifatiye no mu mutwe, kwumva ubwoba iyo hari umuntu agira yinjire mu gitsina.
Hari impanuro zijanye n'imibonano mpuzabitsina zikoreshwa, nkuko bivugwa na Dr Mackay: "Ni uburyo bwo kuganiriza umukobwa kugira ngo ahindure ukwo afata umubiri wiwe.
"Gukora ikarashishi ituma imitsi y'igitsina yirekura, hamwe n'ikarashishi umuntu akora aryamye hasi, birafasha kugabanya ikibazo ca "vaginisme".
"Hari n'ubuhinga bwo kumenyereza igitsina, aho bacinjizamwo ibikoresho vyabigenewe, bituma kimenyera kwumva ibicinjiramwo."
Teresa w'imyaka 23 nawe nyene yarafise ikibazo ca "vaginisme", avuga ko yahawe uburyo bwinshi bwo kurangiza iyo ngorane.
"Umwe mu bampa impanuro yansavye ko ngerageza uburyo bwo kwisinziriza ndi ahantu hatabona, ariko ntivyashobotse. Ndafise ingeso yo kugira amakenga, igihe cose naba ndi aho hantu nagira nti, 'Bino ntibiza gukunda kuri jewe'," niko Teresa avuga.
Yabandanije ati: "Icashobotse iwanje ni ibikoresho vyo kwagura igitsina "dilators" aho wiyigisha wenyene ingene wirekura ubikoresheje.
"Muri kino gihe ubuzima buraryoshe, nta makenga bikintera. Meze neza, ndanezerewe. Vyari bigoye mu ntango, ariko nibaza ko iyo ubitoreye inyishu bica vyoroha."