Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Toyota ishobora kwugara ihinguriro rikora imodoka mu Bwongereza inyuma ya Brexit
Ihinguriro Toyota ryamenyesheje ko rishobora guhagarika vy'agateganyo gukorera imiduga mu gihugu c'Ubwongereza igihe ata masezerano ashemeye yova mu biganiro vyerekeye ukuva k'Ubwongereza mu muryango wa Buraya (Brexit).
Iryo hinguriro ryo mu Buyapani riri mu mahinguriro manini yo mu Bwongereza, Burnaston ikaba yakoze imodoka 150000 mu mwaka uheze, ibice 90% vyazo bikaja kugurishwa mu muryango w'ibihugu vya Buraya.
Iryo hinguriro rikoresha ibihimba vy'imodoka vyinshi muri vyo bikoregwa mu muryango wa Buraya.
Umuvugizi wa leta y'Ubwongereza aheruka kuvuga ko leta "icizeye gupfundika amasezerano meza".
Toyota ivuga ko idashobora kuvuga igihe iryo hagarika rizomara, ariko amashirahamwe y'abakozi akavuga ko guhagarika akazi ku kiringo kirekire bizotuma n'ubuzi bugabanuka.
Ihinguriro rya Burnaston rikora imiduga yo mu bwoko bwa Auris, ubwa kane bugurishwa cane mu Bwongereza, hamwe n'ubwoko bwa Avensis.
Toyota igiye kurungikayo amapawundi imiliyoni £250, ngo hakorerweyo Corolla nshasha kuva mu mpera z'uno mwaka.
Igiye kwakira abakozi bashasha 400 biyongera ku 2500 bakoreraho.
"Mbonako mu gihe Ubwongereza bwova mu muryango w'ibihugu vya Buraya mu mpera z'ukwezi kwa gatatu tuzoca duhagarika gukora imiduga mw'ihinguriro ryacu," niko Marvin Cooke arongoye ihinguriro Burnaston avuga.
Ntiyashoboye kuvuga ikiringo iryo hagarika rizomara: "Ntidushobora kubimenya - bishobora kumara amasaha, iminsi, amayinga - wanashaka amezi."
Umuvugizi wa leta y'Ubwongereza yagize ati: "Twiyemeje ngo Ubwongereza bugume buri mu bibanza bikomeye kw'isi bihingurigwamwo imiduga hamwe n'ibindi bikoresho vy'iminwe.
"Hari umugambi ushigikiwe wa kazoza k'imigenderanire n'ibihugu vya Buraya. Kimwe co muri uwo mugambi nuko tuzoshinga isoko ridasabwamwo ikori rihuza Ubwongereza n'ibihugu vya Buraya, ibidandazwa bitazoriha ayo makori bigashirwa mu gitabu, hakazoba harimwo n'imodoka."
Imodoka zikorwa aruko zasabwe
Guhagarika gukora imiduga bitwara amahera menshi, iryo hinguriro risohora imiduga y'imiliyoni £12 z'amapawundi ku munsi.
Ibihimba vy'imodoka iryo hinguriro rikoresha bishika ukwo iminota 37 irangiye, bivuye mu Bwongereza no mu muryango w'ibihugu vya Buraya.
Amakamyo azanira ibikoresho ihinguriro aba arimwo ibihimba bitandukanye vy'imodoka, akarorero ni nk'ivyo gukora ifire ituma imodoka ihagarara.
Bimeze ukwo kuberako dukora imodoka dukurikije ingene yasabwe (production sur commande).
'Ubuzi bushobora kugabanuka'
Marvin Cooke avuga ko Brexit ishobora kubangamira kazoza k'ihinguriro.
Burnaston ni rimwe mu mahinguriro ya Toyota ari ku mugabane wa Buraya.
Igihe cose hari umugambi mushasha, ayo mahinguriro aca aja muvyo guhiganwa.
Bwana Cooke avuga ko Brexit ishobora gutuma igitigiri c'imodoka zakogwa kigabanuka, bigatuma n'ubuzi bugabanuka.
Uwitwa Peter Tsouvallaris, avugira amashirahamwe y'abakozi, amaze imyaka 24 akorera aho Burnaston, avuga ko abanywanyi bafise amakenga agenda yiyongera: "Hano dufise akazi keza, duhembwa neza.
"Muvyo nagiye ndabona, iyo ubuzi bugiye ntibugaruka. Dukwiye gukora ibishoboka vyose ngo ubwo buzi ntibugende muri kano karere turimwo."