Trump ahanura kwubaka muri Sahara uruhome rwo guhagarika abimukira

Josep Borrel avuga ko Trump yamuhanuye kwubaka uruhome muri Sahara mu guhagarika abimukira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Josep Borrel avuga ko Trump yamuhanuye kwubaka uruhome muri Sahara mu guhagarika abimukira

Umushikiranganji w'imigenderanire y'igihugu ca Espagne n'amakungu yavuze ko Trump yamuhanuye kwubaka uruhome mu karere k'ubugaragwa bwa Sahara, mu ntumbero yo guhagarika ingendo z'abimukira.

Umushikiranganji Josep Borrell yavuze ku munsi wa kabiri ko Perezida wa Amerika Donald Trump yamuhanuye "kwubaka uruhome mu bugaragwa bwa Sahara" mu gutorera umuti ikibazo c'abimukira baguma biyongera baja kurondera ubuhungiro mu bihugu vya Buraya.

"Kwugara ibivuko siyo nyishu, si inyishu iruta kwubaka uruhome muri Sahara, nkuko Perezida Trump yahanuye vuba," niko Borrell avuga.

Uwo mushikiranganji wa Espagne, yashikirije ayo majambo asangira n'abamenyeshamakuru i Madrid, ariko ntiyavuga igihe n'aho Perezida wa Amerika yatangiye iyo mpanuro.

Ariko yarafise amakenga ku majambo ya Trump: "Mbe murazi ingene Sahara ingana?" Niko yabajije.

Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu yavuze ko ata kindi kintu bongerako kuri ayo majambo.

Ku bw'itangazamakuru rya Espagne, Trump yabwiye abahagarariye ubuserukizi bwa Espagne ko "uruhome rwo muri Sahara rudashobora kuba runini nk'urwokubakwa ku rubibe rwa Mexique."

Umushikiranganji Josep Borrell

Ahavuye isanamu, Stock Photo

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu wa Espagne yashikirije ayo majambo mu kavunamusase n'ibigo vy'itangazamakuru i Madrid

Abatamuha ni rwere

Kimwe mu vyo Trump yemeye mu matora yo mu 2016 kwari "ukwubaka uruhome runini kandi rwiza" ku rubibe rwa Amerika na Mexique.

Uwo mu Perezida yavuga ko Mexique izotanga amahera y'urwo ruhome, amaze amezi arondera amahera yo kurwubaka.

Muri kino gihe, ivyo yashikirije ko Espagne yubaka uruhome muri Sahara mu guhagarika ingendo z'abimukira, vyashitse mu binyamakuru vya Amerika, bituma abantu benshi bagira ico babivugako ku mbuga hwaniro.

Muvyo bashikiriza, hariho abadategera ico cipfuzo ciwe, abandi nabo bakibaza niba Perezida azi neza icigwa cerekeye isi (géographie), bamwibutsa ko Espagne iri i Buraya, Sahara nayo muri Afrika.