Trump: Umugambi w'uruhome uracariho

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida Donald Trump wa Amerika yavuguruje umufasha wiwe avuga ko ata vyiyumviro arahindura ku mugambi wo kwubaka uruhome ku rubibe rwa Amerika na Mexique.
Umushikiranganji wo mu biro kwa Prezida, John Kelly, yabwiye aho ha mbere ikinyamakuru Fox News kw'iciyumviro ca Trump kuri uwo mugambi cakuze mu gihe biri muvyo yiyamamarisha mu matora y'umukuru w'igihugu.
Bivugwa ko Bwana Kelly yabwiye abanyepolitike bo mu mugambwe w'aba Démocrates ku munsi wa gatatu ko Prezida yagondojwe akemera guhindura ibijanye n'uwo mugambi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu butumwa yarungitse ku buryo bwa Twitter, Bwana Trump yavuze ko ivyiyumviro afise ku bijanye n'urwo ruhome bitarahinduka.
Yavuze ko Mexique izotegerezwa kuriha amahera yo kwubaka urwo ruhome uko bizogenda kwose.
Prezida Trump yavuze ko urwo ruhome rwotwara imiliyaridi 20 z'amadolari.






