Anthony Mwandulami yariyubakiye imva i Njombe mu bumanuko bwa Tanzania

Urigera wibaza aho uzoshingurwa inyuma yo gupfa? Umugabo umwe wo mu gihugu ca Tanzaniya yarafashe ingingo yo kwanka ko haba amatati inyuma yo gupfa.

Anthony Mwandulami aba i Njombe mu misozi iri mu bumanuko bwa Tanzaniya yaratanguye kwiyubakira imva yiwe.

Mwandukami asanzwe ari n'umuganga avuga ko amaze imyaka umunani ariko arubuka iyo mva.

Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC David Nkya ko ikintu gikomeye catumye yiyumvira kwubaka iyo mva ari uko adashaka ko kahise kiwe kazimangana amaze gupfa.

Iyo mva ntitangaza gusa abantu baba muri ako karere ka Njombe, iranatuma abantu mu gihugu cose batangara.

Iyo mva ifise uburebure bw'imetero cumi na zibiri uja mu kuzimu, kandi yubatswe nk'igorofa.

Ariko abanye Afrika benshi nta migenzo bafise yo kwiyumvira aho bazoshingurwa uretse kwiyubakira imva bakiri bazima. None Mwandulami vyamujemwo gute?

Yavuze ati:

"Nafashe ingingo yo kwubaka iyi mva, nabonye ko atari vyiza ndavye akazi nkora aha muri Tanzaniya n'ingene nafashije aba Tanzaniya, ko nogenda akagirire. Muri ico gihe nabonye ko mfise ubushobozi bwo kwitegurira ikibanza co gushiramwo ikiziga canje."

"Mbona ko vyoba vyiza ndagiteguye. Iyi mva ndiko ndayitegurira jewe nyene n'abapfasoni banje."

Mwanduli avuga ko muri iyo mva hazoshingurwa we n'abagore biwe batatu.

Izi nizo mva bamaze kwitegurira n'abagore biwe.

Umugore wiwe mukuru avuga iki kuri ico kibazo?

Uwo mupfasoni Damian avuga ati:"Jewe mbona ari vyiza, yakoze ikintu gikenewe cane, mu gutegura aho azoshingurwa. Twavyakiriye neza, turanezerewe. Kubera ko yamaze gutegura ahantu heza azoruhukira na twebwe abagore biwe turi kumwe."

Avuga ko yimvye imetero 12 mu kuzimu kandi ko bazokwanikira umubiri wiwe imbere y'uko bamuhamba.

Umuco wo kwiyubakira imva imbere y'uko upfa n'ikintu gishasha ngaha. Ariko nk'uko bimenyeshwa na Mwandulami, vyitezwe ko iyo mva yiwe izomutwara amadolari 500.000, n'ukuvuga umuriyaridi w'amashilingi ya Tanzania, gushika ihere.

Uravye uko abantu babayeho mu gihugu hagati, amahera ariko arakorsha ni menshi cane.

Ababanyi bavuga ko batangazwa n'iyo ngingo yafashe.

Ukwubaka iyo mva kurabandanya. N'aho hariko haraba iyo myiteguro yose, ikibazo na wewe wokwibaza n'ico iyo mva izomara mu gihe yopfa n'ikiziga ciwe ntikiboneke.