Igipolisi ca Tanzania cafashe abantu batatu bikekwa ku rupfu rw'intambwe

Igipolisi ca Tanzania cafashe abantu batatu bikekwa ku rupfu rw'intambwe icenda zo mu ruhongore kama rw'i Serengeti zapfuye zihawe isumu, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC yabimenyesheje.

Umutegetsi w'ikigo kigenzura impongore "National Parks" yabwiye BBC ko bibaza ko ivyo bikoko vyahawe ishano ariko ko itohoza rikibandanya.

Abarongoye igisata c'ibikoko vyo mw'ishamba batoye ibisigarira vy'izo ntambwe mu mpera z'indwi, nkuko ibinyamakuru bivuga.

Ntawuzi igituma zahawe iryo shano.

Izindi ntambwe ndwi zarishwe muri ubwo buryo mu ruhongore rwazo mu 2015.

Mu gihugu kibanyi ca Uganda, intambwe 11 zatowe zapfuye kubera ishano mu ruhongore kama "Queen Elizabeth National Park" mu kwezi kwa kane.