Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipolisi ca Tanzania cafashe abantu batatu bikekwa ku rupfu rw'intambwe
Igipolisi ca Tanzania cafashe abantu batatu bikekwa ku rupfu rw'intambwe icenda zo mu ruhongore kama rw'i Serengeti zapfuye zihawe isumu, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC yabimenyesheje.
Umutegetsi w'ikigo kigenzura impongore "National Parks" yabwiye BBC ko bibaza ko ivyo bikoko vyahawe ishano ariko ko itohoza rikibandanya.
Abarongoye igisata c'ibikoko vyo mw'ishamba batoye ibisigarira vy'izo ntambwe mu mpera z'indwi, nkuko ibinyamakuru bivuga.
Ntawuzi igituma zahawe iryo shano.
Izindi ntambwe ndwi zarishwe muri ubwo buryo mu ruhongore rwazo mu 2015.
Mu gihugu kibanyi ca Uganda, intambwe 11 zatowe zapfuye kubera ishano mu ruhongore kama "Queen Elizabeth National Park" mu kwezi kwa kane.