Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugabo yifata nk'umukobwa munyuma apfungigwa mu bagore aho yakoze ibara
Karen White yari yapfungiwe mw'ibohero ry'intango, mu kuba yafashe abakobwa ku nguvu gatatu ari umugabo, igihe yitwa Stephen Wood.
Kuri iryo zina, amaze umwaka n'inusu mu munyororo yagirizwa ibiterasoni ku wukiri muto.
Naho ataraja guhinduza igitsina ciwe akaba agifise igitsina c'umuhungu, ubutegetsi bwaremeye ko yopfungigwa mw'ibohero ry'abakenyezi ngo arangirizeyo ikiringo c'igipfungo yakatiwe.
Amabohero yo mu Bwongereza yamaze gushinga ko umufungwa ashigwa mu munyororo rijanye n'ingene we yiyumva ku bijanye n'igitsina.
White afise imyaka 52, yambara nk'abagore, akisiga nkabo, akavuga ko we yiyumva ko ari umukobwa.
Iminsi mikeyi inyuma yaho apfungiwe, yaboneyeho akaryo ko gusambanya abagore b'aho yari ari na burya bari begeranye.
White aramaze kwemera ivyaha bibiri kuri bine ku mabi yakoze hagati y'ukwezi kw'icenda hamwe n'ukwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze, ku birego vyerekeye uguhohotera gushingiye ku gitsina, gukorakora aho bidakwiye, kwerekana amagara yiwe hamwe no kuvuga amajambo yerekeye imibonano ikoreshwa umunwa (oral sex).
Iryo bara ryatumye abantu barivugako vyinshi, hakaba abibaza ingene umuntu amaze gukurikiranwa n'ivyaha vy'ihohotera rishingiye ku gitsina, yopfungigwa mw'ibohero ry'abigeme naho yoba avuga ko yahindutse asigaye yiyumvamwo ubukobwa.
Abantu baribaza niba umuhungu avuze ko ataciyumvamwo ukujanye n'igitsina ciwe, ko bikwiye ko yoca apfungigwa mw'ibohero ry'abakobwa.
Imigwi itemera gufatira ku vyo umuntu ashikirije ku kungene yiyumva ku bijanye n'igitsina, ivuga ko abagabo benshi bokwiyitirira ko biyumva nk'abakobwa kugira baje gutera abigeme babahohotera.
Abashigikira uburenganzira bw'uko umuntu yokwiyumva ukwo we abishaka ku bijanye n'igitsina, bavuga ko abapfungwa bo muri uwo mugwi bari mu batamerewe neza, kandi ko ubutegetsi ataco bubibafashamwo.
Umumenyeshamakuru Janice Turner yandika mu binyamakuru vy'Ubwongereza The Times na The Guardian, avuga ko ku vyerekeye White, ko ingeso yiwe benshi bari bamaze kuyimenya, ko atari kwungururizwa mw'ibohero ry'abagore.
"Gushira abafata abakobwa ku nguvu mu mabohero y'abagore, mu banyororo barimwo abahohotewe vy'igitsina, ni nko gushira imfyisi mu nkoko", niko yanditse.
Uwo mumenyeshamakuru abaza niba umutekano w'abagore ariwo woba ufise agaciro gato ku "kuvuga aho uhagaze ku bijanye n'igitsina".
Frances Crook, arongoye ishirahamwe "Howard League organization for Criminal Reform" riharanira inagugwa ry'igisata kijanye n'ivyaha, avuga ko abakobwa batagira gifasha bama bagwa mu mporero y'igitigiri gito c'abagabo bafise intego yo kubakorera amabi.
"Ni impari zitaryoshe, ariko nibaza ko uburongozi bw'amabohero bwaremewe n'ivyagiye biravugwa, munyuma bufata ingingo zibangamira abagore, zigashira abakozi bo mu mabohero mu kaga," niko yavuze mu kinyamakuru The Guardian.
Guhindura igitsina, guhindura ibohero
Igihe Karen White ajanwa imbere ya sentare ya Leeds mu kwezi kw'indwi guheze, yemeje ko atigeze ahohotera abafungwa b'abagore, kubera ko ngo atashobora gushukwa.
Icaha kimukurikirana ni ico yakoze atariyumva ko ari umukobwa, akiri umugabo.
Frances Crook we asanga ko umuntu amaze gukora icaha co guhohotera bishingiye ku gitsina canke ibindi vyaha ku bagore, akaba yipfuza kwimurigwa mw'ibohero yiyumvamwo ariko atarabagwa ngo ahinduze igitsina, agifise igistina c'ubuhungu n'ibinyabuzima vy'ubugabo, ko adakwiye gushirwa mw'ibohero ry'abagore.
Ku bw'itohoza rya BBC, ku bagabo 125 bigize abagore bari mu mabohero yo mu Bwongereza, 60 barakoze ivyaha bishingiye ku gitsina.
Ubushikiranganji bw'ubutungane bwarasavye ikigongwe buvuga ko butigeze bwitaho ivyaha White yagiye arakora, ko bugiye kwihweza ico bwokora.
Umuvugizi w'igisata c'amabohero yagize ati "naho dutegerezwa kwitondera ibibazo vy'abapfunzwe bose barimwo n'abahungu bigira abakobwa twisunze amategeko, birumvikana ko dutegerezwa gukora uko dushoboye ngo abanyororo bose bumve ko batekaniwe".