Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
I Kinshasa nko muyindi miji, itegura ry'amatora ryatumye abantu bafungwa
Ukwiyamiriza ikoreshwa ry' imashini zizokoreshwa mu guharura abantu mu matora y'umukuru w'igihugu yitezwe muri ico gihugu, niyo mvo abo bantu batawe mu gasho.
Abantu bashika 30 badaharanira inyungu za Politike bazindutse bugariza ibiro bijejwe amatora I Kinshasa.
Basaba yuko imashini zikoresha 'internet' zitokoreshwa mu gutora.
Abo bantu bashaka ko bokoresha amakarata yogutora kuko bazi neza yuko izo mashini zokoreshwa mu kwiba.
Abo bantu ntibari bemerewe n'amategeko kuza kugandagaza mur'ico kibanza.
Niho benshi mu baje kwiyamiriza ikoreshwa ry'izo mashini baca bafatwa bagafungwa bagishika kw'ibarabara.
Imyiyerekano nkiyo yabaye cane cane mu bisagaranka Bukavu, Goma, Lubumbashi-KatangaMbandaka, Kinshasa.
Ku mugwamukuru , igipolisi cemejeko abantu bashika 22 bafashwe akanya gato.
Umuhari LUCHA wateguye iyo myiyerekano umenyeshako abantu barenga 50 bafashwe.
Kubwa LUCHA, abari mu mirongo bakomerekejwe hirya no hino mu gihugu .
Iyindi ntumbero yatumye baja mu myiyerekano kwari ugusaba yuko hofutwa integuro z'amazina y'abazotora yanditswe.
Basigura ko harimwo amazina arenga imiliyoni 6 atariyo.
Amatora yigijweyo imyaka 2 yitezwe kuba mu kwezi kwa 12.