Ingene agafuko gafasha abarovyi kwikingira mu kiyaga i Mombasa

Umurovyi afise agakingirizo
Insiguro y'isanamu, Umurovyi afise agakingirizo

Abarovyi b'i Mombasa muri Kenya bakoresha agafuko ko mu mabanga mpuzabitsina mu kwikingira - ariko atari mu buryo mwiyumvira.

Mu mezi atatu arangiye, abarovyi batandatu b'i Mombasa baragize isanganya ubwato bwabo buribira mu mazi mw'ijoro rikuze.

Bane muribo baciye bitaba Imana kubera imikuba y'amazi.

Umwe mu bashoboye kurokoka, Matano Jafar hamwe na mugenziwe baciye boga amasaha cumi n'imwe gushika ku nkengera z'ikiyaga.

Arigana ingene vyagenze.

"Hari nk'isaha zitanu z'ijoro duhejeje kuroba igihe ubwato twarimwo bwubama. Twari abarovyi batandatu duca dutangura guhanurana ko twokwoga gushika ku nkengera, ariko haciye haduka imikuba ica iradutandukanya".

Matano ni umurovyi azi kwoga afasha abandi barovyi
Insiguro y'isanamu, Matano ni umurovyi azi kwoga afasha abandi barovyi

Matano asanzwe ari umurovyi azi kwoga cane avuga ko inyuma y'iryo sanganya, ko atamenye iyo bagenziwe bane baciye, aca afata ingingo yo kugumana n'uwo bari bahereranye, amufasha kwoga gushika ku nkengera.

Kuva ico gihe uwo murovyi hamwe na bagenziwe baciye bakomeza uburyo bwo guhanahana amakuru, bituma bashika ku kuntu bacungera umutekano wabo.

Matano avuga ko bahavuye bagwa ku buryo bwo gukingira telefone ngendanwa zabo, bakazambika udukingirizo abantu bakoresha mu mibonano mpuzabitsina kugira ntizijemwo amazi.

Telefone ngendanwa bayambika agakingirizo kugira bashobore kuyikoresha mu kiyaga ntitegwe n'amazi
Insiguro y'isanamu, Telefone ngendanwa bayambika agakingirizo kugira bashobore kuyikoresha mu kiyaga ntitegwe n'amazi

Kuva igihe iryo sanganya ribereye, bane mubo bari kumwe na Matano bakitaba Imana, abo barovyi bo mw'ibahari Indiyano bavuga ko bashobora guhamagarana uwufise ingorane agashobora gutabagwa.

Bavuga ko n'igihe baba bariko bararoba bari mu mazi hagati ko bashobora guhamagara abakiriya babo, babamenyesha ko bafashe ifi ngo babe baregera.

Uwutelefona ari mu mazi hagati
Insiguro y'isanamu, Uwutelefona ari mu mazi hagati

Abo barovyi bavuga ko uretse kuroba bakaronka ifi bashobora kugurisha munyuma bagatunga imiryango, ngo ikibaraje ishinga ni kwama biga ingene bokingira amagara yabo igihe cose baba bari muri ico gikorwa.

Abarovyi bariko bararoba
Insiguro y'isanamu, Abarovyi bariko bararoba