Onu isaba ibihugu vya Buraya kwakira impunzi

Ifoto y'abimukira yafashwe na SOS MEDITERRANEE

Ahavuye isanamu, SOS MEDITERRANEE

Insiguro y'isanamu, Ifoto y'abimukira yafashwe na SOS MEDITERRANEE

Umuryango mpuzamakungu Onu wasavye ibihugu vya Buraya kwihutira kwakira impunzi zikwamiye mu bwato ku kivuko ca Catania mu Butaliyano.

Uwo muryango mpuzamakungu wavuze kandi ko Ubutaliyano bukwiye kurekura abo bimukira bakagenda.

Abo bantu bari mu bwato bw'Ubutaliyano bucungera inkengera z'ico gihugu ariko leta ikaba yanse ko binjira mu gihugu cayo.

Ico kibazo cadugije uruhagarara hagati y'ubutegetsi bw'i Roma n'icicaro c'ibihugu vya Buraya i Buruseli, Ubutaliyano bukagabisha ko bushobora guhagarika amahera bwahora buterera muri uwo muryango kiretse hatowe inyishu.

Umuryango wa Buraya wishuye ko udakorera ku terabwoba.

Si ubwa mbere abimukira baja mu kangaratete nkako.

Mu kwezi kwa gatandatu guheze, ubwato butwaye abimukira 629 bwaramaze iminsi mu kiyaga Mediterrane inyuma y'aho umushikiranganji mushasha w'intwaro yo hagati mu gihugu c'Ubutaliyano abwimiye uruhusha rwo kwinjira ku kivuko.

Ico gihe Matteo Salvini yasaba izinga rya Malte kwakira ubwato Aquarius ariko naryo riravyanka.

Ico gihe ubutegetsi bwa Malte bwasigura ko ishirahamwe ritabara rya SOS Mediterrane ryakuye abo bimukira mu mazi ya Libia, ko kurivyo bari bakwiye kurabwa n'amategeko y'Ubutaliyano.

Ubwato Aquarius butwaye abimukira

Ahavuye isanamu, SOS MEDITERRANEE

Insiguro y'isanamu, Ubwato Aquarius butwaye abimukira

Ubutaliyano ni bwo bwinjiramwo abimukira benshi bava mu buraruko bwa Afrika baja i Buraya.