Ikibazo c'abimukira cateye umwumvikano muke hagati y'Ubufaransa n'Ubutaliyano

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Giuseppe Conte ari mu rugendo i Paris aho ategekanya guhura na Prezida Macron, mu ntumbero yo kurangiza uruhagarara rwatewe n'ikibazo c'abimukira.
Bwana Conte ategekanya kuganirira ku meza na Prezida Macron, ashimikira ku ngorane zitegwa n'abimukira.
Mu minsi iheze leta z'ivyo bihugu bibiri zarateranye amajambo inyuma yaho Ubutaliyano bwankiye ubwato Aquarius butwaye abimukira 629, gutura ku butaka bwaco.
Muri kino gihe, ubwo bwato buriko buja i Valence muri Espagne aho bwitezwe ku munsi wa Mungu.
Bwana Macron yagirije Ubutaliyano "ko bwikunda" kandi ko "ataco bwitaho" mu kwirukana ubwato Aquarius bw'abimukira.
Ubutaliyano bwishuye Ubufaransa ko "bwiyorobeka", busigura ko bukoresha uburyo bwinshi ku bimukira, ko ibihugu biri kumwe mu muryango wa Buraya vyari bikwiye kugifasha kwakira abimukira bashitse.

Ahavuye isanamu, AFP
Ku munsi wa gatatu ku mugoroba Bwana Macron yarahamagaye Bwana Conte kuri telefone, amubwira ko atipfuje kubabaza abataliyano.
"Harageze ko twigira ico kibazo hamwe," niko Macron yavuze.
Ubufaransa bwavuze ko buzofasha kwakira abimukira bari muri Aquarius ni bashika muri Espagne, bakaba bakwiye guhabwa ubuhungiro.
Ku munsi wa gatatu, Ubutaliyano bwaremeye ko ubwato butwaye abimukira 900 butura ku kivuko ca Sicile.
Ikibazo c'abimukira baguma bashika mu bumanuko bwa Buraya kiri mu bizovugwa mu nama y'ibihugu vya Buraya, itegekanywa itariki 28 na 29 ukwezi kwa gatandatu.
Ibihugu vya Buraya ntibibona kumwe ikibazo c'abimukira, vyinshi murivyo bikaba vyanka kwakira impunzi muri kino gihe zigwiriye mu bihugu vy'Ubutaliyano n'Ubugiriki.










