Ubutaliyano bwugaye ibivuko bikoreshwa mu gutabara abimukira

Migrants picked up by the Aquarius

Ahavuye isanamu, SOS MEDITERRANEE

Insiguro y'isanamu, Ifoto yafashwe na SOS Mediterranee y'abimukira

Ubwato butwaye abimukira 629 buracari muri Mediterrane inyuma y'aho umushikiranganji mushasha w'intwaro yo hagati mu gihugu abwimiye uruhusha rwo kwinjira ku kivuko.

Matteo Salvini, yavuze ko izinga rya Malte ryokwakira ubwo bwato bwa Aquarius ariko ryavyanse.

Malta ivuga ko ishirahamwe ritabara rya SOS Mediterrane ryakuye abo bimukira mu mazi ya Libia, bisigura ko barabwa n'amategeko y'Ubutaliyano.

Ubutaliyano ni bwo bwinjiramwo abimukira benshi bava mu buraruko bwa Afrika baja i Buraya.

The Aquarius vessel in a rescue run by charity SOS Méditerranée

Ahavuye isanamu, SOS MEDITERRANEE

Insiguro y'isanamu, SOS Méditerranée ivuga ko ubwato bwa Aquarius bwariko buragana uburaruko burindiriye ayandi mategeko

Abatsinze mu matora aheruka mu Butaliayo bari bemeye ko bagiye gufata ingingo ruhasha ku bimukira.

SOS Mediterranee bakoresha ubwato bwa Aquarius, bavuze ko ubwo bwato bwahawe itegeko n'igisata kijejwe gutabara mu mazi kuguma mukibanza burimwo.

Map showing the approximate location of the ship Aquarius
Insiguro y'isanamu, The approximate location of the Aquarius early on Monday

Buvuga ko abo bimukira barokowe mu bibanza bitandukanye bitandatu ku nkengera za Libya.

Umuvugizi w'iryo shirahamwe Mathilde Auvillain yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko "Ico dushaka n'ukugeza ku kivuko abantu 629 bari mu bwato Aquarius - bamwe batabawe ejo mw'ijoro bigoranye cane."

Map showing the country of origin for migrants arriving in Italy in 2017 - Nigeria, Bangladesh, Ivory Coast, Guinea and Mali.