Abimukira benshi basubiye gusiga ubuzima mu kiyaga

Abimukira bavuye Libiya baja mu Butaliyano

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubwato bwarimwo abimukira bashika 90 bagiye mu Butaliyano

Ikigo ca ONU kijejwe abimukira, IOM, kivuga ko hari abantu benshi bapfuye igihe ubwato barimwo bwarohoma mu burengero bw'inkegero za Libiya.

Ubwo bwato bwari butwaye abantu bashika mirongo icenda, ariko batatu gusa nibo bizwi ko barusimvye.

Gushika ubu ibiziga vy'abantu icenda nivyo bimaze gutorwa, umunani muri vyo bikaba ari ivy'Abanyepakistani ibindi bibiri navyo ni ivy'Abanyelibiya.

Ibimukira bagwa muri Mediterranee mu mibare
Insiguro y'isanamu, Ibimukira bagwa muri Mediterranee mu mibare

Abajabuka babaye benshi

Abajejwe umutekano bavuga ko ubwo bwato bwariko burerekeza mu gihugu c'Ubutaliyano.

Ishirahamwe IOM rivuga ko igitigiri c'abantu bagerageza kujabuka ikiyaga Mediterane ciyongereye kuva mu mwaka uheze, benshi muri bo bakaba bagerageza gushika mu Butaliyano.

Soma kandi: