Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abimukira benshi basubiye gusiga ubuzima mu kiyaga
Ikigo ca ONU kijejwe abimukira, IOM, kivuga ko hari abantu benshi bapfuye igihe ubwato barimwo bwarohoma mu burengero bw'inkegero za Libiya.
Ubwo bwato bwari butwaye abantu bashika mirongo icenda, ariko batatu gusa nibo bizwi ko barusimvye.
Gushika ubu ibiziga vy'abantu icenda nivyo bimaze gutorwa, umunani muri vyo bikaba ari ivy'Abanyepakistani ibindi bibiri navyo ni ivy'Abanyelibiya.
Abajabuka babaye benshi
Abajejwe umutekano bavuga ko ubwo bwato bwariko burerekeza mu gihugu c'Ubutaliyano.
Ishirahamwe IOM rivuga ko igitigiri c'abantu bagerageza kujabuka ikiyaga Mediterane ciyongereye kuva mu mwaka uheze, benshi muri bo bakaba bagerageza gushika mu Butaliyano.