Abimukira 31 baguye ku nkengera za Libya

Ahavuye isanamu, ALESSIO PADUANO
Abajejwe gucungera umutelknao ku nkengera za Libya bavuga ko barokoye abantu 60 bariko bararekera ku bwato bwa zamye, butuma abarenga 30 muri bo bapfa.
Abandi bimukira bagera ku 140 bari mu bwato bugira kabiri, nabo batowe mu mazi yo ku nkengera za Libya.
Abimukira bagera ku bihumbi bitatu bikekwa ko bamaze gupfa baguye mu mazi y'ikiyaga Mediterranee.
Abo bimukira bariko bagerageza kujabuka mu bihugu vya Bulaya baciye mu buraruko bwa Afrika.






