Abimukira baheze muri Libya bagiye gufashwa gutahukanwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugambi wihuta wo gutahukanwa abimukira bariko baragirigwa nabi muri Libya aho bapfungiwe, uriko urategurwa.
Ni umugambi washikirijwe mu nama y'ubumwe bwa Afrika hamwe n'ubwa Bulaya iriko irabera muri Cote d'Ivoire.
Ubutegetsi bwa Libya, bushigikiwe n'amakungu bwemeye uwo mugambi, ariko bugenzura igice gito kandi hari n'ikibazo c'ingene uzoshirwa mu ngiro.
Abimukira bazosubizwa mu miryango yabo.
Iyi ngingo ifashwe inyuma ya video zakwiragijwe zerekana abimukira bo muri Afrika yo musi y'ubugaragwa bwa Sahara bariko baragurishwa muri Libya nk'abaja.
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yise urwo rudandazwa "Ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu".
Abimukira ibihumbi amajana n'amajana barajabutse ubugaragwa bwa Sahara n'ibahari Mediterranee bariko baragerageza kuja i Bulaya.
Ibihumbi n'ibihumbi baramaze gupfira muri urwo rugendo, abashoboye gushika muri Libya na bo nta faranga basigaranye bigatuma bafatwa nabi n'abakora urwo rudandaza rw'abantu.
Igihugu ca Libya caratanguje amatohoza kubakora urwo rudandazwa rw'abantu bakoresha mu burimyi ku madolari 400 inyuma y'aho CNN yerekaniye amasanamu y'abagizwe abaja mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Abimukira bamaze gutabarwa mu gihugu ca Libya bavuga ko aho bapfungirwa "ari nko mu kuzimu".
Avugira I Abidjan, Macron yavuze "ivyo bikorwa vyihuta" vyemeranijweko n'ibihugu icenda, harimwo Libya, Ubufaransa, Ubudagi, Tchad na Niger.

Ahavuye isanamu, Reuters
Libya yavuze ishimitse ko "igiye kurondera ahari ayo makambi ivyo biberamwo", akaba ariko yabwiye AFP.
Umushikiranganji wa mbere wa Libya Fayez Sarraj yemeye guha uruhusha ishirahamwe mpuzamaakungu rijejwe abimukira (OIM) kuja kuraba ayo makambi, bikazotuma abo bimukira bavanywa muri ivyo bibanzo mu misi iri imbere.
Ariko AU na UN banebaguye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Bulaya, EU ko iryo shirahamwe rifise uruhara mu bishikira abimukira muri Libya kubera politike yo kubuza abimukira bava muri Libya binjira i Bulaya.










