"Bemba ntashobora kwitoza" ka mukuru w'igihugu wa Congo

Ahavuye isanamu, AFP
Uwigeze kurongora umugwi w'inyashamba muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo, Jean-Pierre Bemba, ntashobora kwitoza ka mukuru w'igihugu nkuko akanama kajejwe amatora muri ico gihugu kabishikirije.
Bwana Bemba ni umwe mu bakandida batandatu bavuzwe ko badakwiye kwitoza, inyuma y'umwiherero w'amasaha menshi.
Uwo mugabo yahora mu mugwi w'inyeshamba yakurikiranwa ku vyaha vy'ubwicanyi bwo mu ngwano ariko yahanaguriwe mu kwezi kwa gatandatu.
Akanama kajejwe amatora kavuga ko Bwana Bemba yakuwe ku rutonde rw'abokwitoza kubera ko Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) ikimukurikirana ku caha co gufumbatisha ibiturire ivyabona.
Bwana Bemba yasubiye muri Congo mu ntango y'ukwezi kw'umunani inyuma y'imyaka 11 yamaze mw'ibohero, yarunguruje kuvyo CPI imukurikiranako.
Amatora y'uno mwaka ni ayo gutora uwuzosubirira Perezida Joseph Kabila, ikiringo ca kabiri n'ica nyuma gisanzwe cararangiye mu myaka ibiri iheze.
Urunani rw'imigambwe iri ku butegetsi rwahisemwo umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Emmanuel Ramazani Shadary kurubera umukandida muri ayo matora yimirije.
Abantu 25 nibo biyandikishije kwitoza muri ico kibanza, barimwo abigeze kuba abashikiranganji ba mbere Antoine Gizenga na Adolphe Muzito - bose bavuzwe ko badakwiye kwitoza.
Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yiyamirije iyo ngingo y'akanama kajejwe amatora imbere yuko itangazwa ku mugaragaro, ikagiriza "ubutegetsi bwa kino gihe" kurondera gufuta amatora.
Bwana Bemba asanzwe atinywa cane na Perezida Kabila, yavuze ko agiye kwunguruza kuri iyo ngingo y'akanama kajejwe amatora.
Urutonde rwa nyuma rw'abazitoza rutegekanywa gushikirizwa mu kwezi kw'icenda.
Jean-Pierre Bemba ni nde?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Ni umugwizatunga akomeye avuga ku mugwizatunga akomeye cane mu gihugu Bemba Saolona.
- 1998: Yafashijwe n'Ubuganda gushinga umugwi w'inyeshamba MLC muri Repubulika y'intwaro rusangi ya Congo.
- 2003: Yabaye icegera c'umukuru w'igihugu inyuma y'amasezerano y'amahoro.
- 2006: Yatsinzwe amatora ya kabiri ahiganwa na Perezida Joseph Kabila ariko aba ariwe aronka amajwi menshi mu burengero bwa Congo harimwo na Kinshasa
- 2007: Yahungiye mu Bubiligi inyuma y'indyane zadutse i Kinshasa
- 2008: Yafatiwe i Buruseli aca ashikirizwa CPI
- 2010: Urubanza rwiwe niho rwatangura
- 2016: Yagirijwe ivyaha vyo mu ngwano n'ibindi vyaha vyibasira kiremwa muntu
- 2018: Ivyo vyagiriji vyarahanaguwe abanje kwunguruza










