Prezida Emmerson Mnangagwa asaba abanye Zimbabwe kwiyumanganya ivyabaye mu matora bakubaka igihugu

Prezida Emmerson Mnangagwa avuga ko azotohoza ku bwicanyi bwakurikiye amatora

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Emmerson Mnangagwa avuga ko azotohoza ku bwicanyi bwakurikiye amatora

Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yahamagariye abanye Zimbabwe kurengera ivyabaye mu matore aheruka bagashira hamwe kugira bubake igihugu cabo.

Mw'ijambo yashikirije ku munsi wahariwe intwari, yiyemeje gukora itohoza ku bwicanyi bwakurikiye amatora avuga ko bwakwezwe n'umugambwe MDC.

Bwana Manangagwa vyatangajwe ko ari we yatsinze amatora akaba kandi yategerezwa kurahirira amabanga yo kuba umukuru w'igihugu ejo kuwa Mungu.

Ivyo birori vyaciye vyimurwa umugambwe utavuga rumwe na leta, MDC, umaze gushikiriza ikirego muri sentare wiyamiriza ivyavuye mu matora.

Kwumviriza urwo rubanza no kuruca birashobora gutwara ikiringo kingana n'indwi zibiri.

Umugambwe utavuga rumwe na leta, MDC, uvuga ko udusandugu batoreramwo twujujwe amajwi ya bwana Mnangagwa kugira aronke intsinzi.