Prezida Joseph Kabila wa Republika ya Demokrasi ya Kongo azokwitoza canke ntazokwitoza?

Muri Republika ya Demokrasi ya Kongo amaso yose ahanzwe umukuru w'igihugu Joseph Kabila, mu gihe vyitezwe ko atangaza aho ahagaze ku bijanye n'amatora yimirije.

Prezida Kabila uno munsi yahamagaje abarongozi b'urunani rwiwe Front Commun pour le Congo, FCC, rugizwe n'imigwi ya politike ishika ku mirongo ibiri, bahurira kw'itongo ryiwe hanze y'i Kinshasa.

Gushika ubu ntibiramenyekana nimba hari ico umukuru w'igihugu aza gutangaza, ariko umwanya uriko uraherana bwana Kabila amaze ku butegetsi imyaka cumi n'indwi.

Mu ndwi iheze umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru akaba n'umuvugizi wa leta, Lambert Mende, yaranse kwemanga niba Kabila azokwitoza canke ntiyitoze.

Umugambwe wiwe ufise gushika ku munsi w'ejo ngo ube watangaje uwuzowuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu yo ku tariki 23 z'ukwa cumi na kabiri.

Abakandida bane batavuga rumwe na leta baramaze kwiyandikisha, barimwo uwahoze ari umukuru w'abarwanyi, Jean Pierre Bemba.

Uwundi atavuga rumwe na leta ni Moise Katumbi, yabujijwe kwinira mu gihugu mu mpera z'indwi iheze.

Gushika ubu ntibiramenyekana nimba Katumbi azoronka umwanya ukwiye wo kwiyandikisha, mu gihe itariki ntarengwa ari ejo.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryahamagariye abafise uruhara bose muri aya matora gushira imbere amahoro, gukorera ahabona hamwe no kutagira uwo bakumira.

Ishengero Gatorika, urwego rukomeye cane muri Kongo, ryavuze ko rizotegura ingendo mu gihugu cose Prezida Kabila niyagerageza kwitoza mu kiringo kigira gatatu.