Prezida Joseph Kabila wa Republika ya Demokrasi ya Kongo azokwitoza canke ntazokwitoza?

Prezida Joseph Kabila

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Joseph Kabila amaze imyaka 17 ku butegetsi, kandi n'ubu ntaratangaza nimba atazokwitoza

Muri Republika ya Demokrasi ya Kongo amaso yose ahanzwe umukuru w'igihugu Joseph Kabila, mu gihe vyitezwe ko atangaza aho ahagaze ku bijanye n'amatora yimirije.

Prezida Kabila uno munsi yahamagaje abarongozi b'urunani rwiwe Front Commun pour le Congo, FCC, rugizwe n'imigwi ya politike ishika ku mirongo ibiri, bahurira kw'itongo ryiwe hanze y'i Kinshasa.

Gushika ubu ntibiramenyekana nimba hari ico umukuru w'igihugu aza gutangaza, ariko umwanya uriko uraherana bwana Kabila amaze ku butegetsi imyaka cumi n'indwi.

Mu ndwi iheze umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru akaba n'umuvugizi wa leta, Lambert Mende, yaranse kwemanga niba Kabila azokwitoza canke ntiyitoze.

Uwahoze ari umukuru w'abarwanyi, Jean Pierre Bemba, ari mu batavuga rumwe na leta bamaze kwiyandikisha mu matora y'umukuru w'igihugu ca Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwahoze ari umukuru w'abarwanyi, Jean Pierre Bemba, ari mu batavuga rumwe na leta bamaze kwiyandikisha mu matora y'umukuru w'igihugu ca Kongo

Umugambwe wiwe ufise gushika ku munsi w'ejo ngo ube watangaje uwuzowuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu yo ku tariki 23 z'ukwa cumi na kabiri.

Abakandida bane batavuga rumwe na leta baramaze kwiyandikisha, barimwo uwahoze ari umukuru w'abarwanyi, Jean Pierre Bemba.

Uwundi atavuga rumwe na leta ni Moise Katumbi, yabujijwe kwinira mu gihugu mu mpera z'indwi iheze.

Uwutavuga rumwe na leta, Moise Katumbi, we ntaremererwa kwinjira mu gihugu mu gihe umunsi ntarengwa wo kwiyandikisha ari ejo kuwa gatatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwutavuga rumwe na leta, Moise Katumbi, we ntaremererwa kwinjira mu gihugu mu gihe umunsi ntarengwa wo kwiyandikisha ari ejo kuwa gatatu

Gushika ubu ntibiramenyekana nimba Katumbi azoronka umwanya ukwiye wo kwiyandikisha, mu gihe itariki ntarengwa ari ejo.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryahamagariye abafise uruhara bose muri aya matora gushira imbere amahoro, gukorera ahabona hamwe no kutagira uwo bakumira.

Ishengero Gatolika rivuga ko rizotegura imyiyerekano mu gihugu cose, Kabila niyitoza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ishengero Gatolika rivuga ko rizotegura imyiyerekano mu gihugu cose, Kabila niyitoza

Ishengero Gatorika, urwego rukomeye cane muri Kongo, ryavuze ko rizotegura ingendo mu gihugu cose Prezida Kabila niyagerageza kwitoza mu kiringo kigira gatatu.