Ahed Tamimi: Umunye palestine yabonetse akubita ikofe umusoda wa Israel yarekuwe

Ahavuye isanamu, AFP
Umuyabaga yafashwe video akubita umusirikare wa Israel mu karere kigaruriwe n'ico gihugu ka West Bank yarekuwe amaze amezi umunani mw'ibohero.
Video yerekana Ahed Tamimi akubita ikofe yongera ahenura umusirikare imbere y'inzu yiwe i Nabi Saleh mu mwaka uheze yarakwiragiye henshi.
Kubanye Palestine, yabaye intangarugero mu kugwanya ukwigarurira igihugu cabo kwa Israel, ariko abanye Israel benshi na bo bamufata nk'uwashatse guhungabanya umutekano.
Yakiriwe n'isinzi ry'abantu bamushigikiye igihe yariko arasubira muhira iwe.
Yabwiye iryo sinzi ry'abantu ati:"Urugamba rurabandanya gushika bahavuye."
Uwo mwigeme yari afise imyaka 16 ico gihe, yabanje kwagirizwa ivyaha 12 harimwo kugira urugomo, kugomorera abantu ku bajejwe umutekano, kwihagira abasirikare no gutera amabuye.
Mu kwezi kwa gatatu, yaremeye ivyaha bine gusa harimwo ico kugira urugomo no kugomorera abantu ku bajejwe umutekano.
Ahed Tamimi yafashwe video na nyina wiwe, Nariman, ariko akoma induru anahenagura abasirikare babiri mu kayira kaja iwaboitariki 15 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2017.
Muri iyo viseo aboneka ahenura umusirikare umwe amukubita n'ikofe anagabisha ko ashobora gukubita uwukurikira.
Ahed Tamimi yabwiye sentare ko yakoze ivyo kuri abo basirikare kubera yari yababonye barashe muvyarawe w'imyaka 15 Mohammed mu mutwe uwo musi nyene. Igisirikare ca Israel kivuga ko cari carungitse abasirikare ku muhana wa Tamimi, ahari urwaruka rwaza rurabatera amabuye kugira babahagarike.










