Abapolisi 2 bishwe uwundi umwe arakomereka mu gitero c'inkoho hagufi y'igisagara ceranda ca Jerusalem

Ahavuye isanamu, EPA
Abapolisi 2 bishwe uwundi umwe arakomerera mu gitero c'inkoho hagufi y'igisagara ceranda ca Jerusalem
Abateye b'abanye Israel b'abarabu bishwe n'igipolisi inyuma y'igitero bagize hagufi y'ikibanza kizwi n'abayahudi nk'ingoro ya Mount aba Islam na bo nka Haram al-Sharif.
Babiri muri abo banye Israel bakomeretse bakaba bitabiye Imana mu bitaro.
Hamaze imisi hari ibitero vy'inkoho, imbugita hamwe n'imodoka ku banye Israel bikorwa n'abanye palestine canke abanye Israel b'abarabu kuva mu mpera za 2015.

Babiri mu bateye bari abanye Yordania.
Igipolisi kivuga ko abagabo batatu bagize ico gitero co ku wa gatanu bari bafise hagati y'imyaka 19 na 29, kandi bakaba baje bava mu gisagara co mu buraruko bwa Israel ca Umm al-Fahm.
Bavuga ko ata n'umwe muri bo yari bwacibwe urubanza rujanye n'ibikorwa vya gisirikare.

Ahavuye isanamu, AFP
Igipolisi kivuga ko abo bagabo bitwaje inkoho barashe igihe bariko baricira inzira bava mu ruzitiro rw'ico kibanza ceranda bagana umuryango wa Lions'Gate, uri ku ruhome rwa Old City nko ku metero 30 uvuye muri ico kibanza.
Abateye baciye baronderwa muri Mount/Haram al-Sharif aho baciye bicigwa.










