Akaguma ku musigiti wa al-Aqsa muri Israel

Ahavuye isanamu, AFP

Ivyo vyabaye gatoyi imbere yo gutangura guhimbaza umwaka mushasha w'Abayahudi.

Abanya Palestina bagiriza igipolisi kwinjira muri iyo nyubakwa kuja kwonona, ariko abanya Israel nabo bakavuga ko bugaye amarembo gusa mu gihe urwaruka ruri indani rwatangura guter'amabuye.

Umukuru w'abanya Palestina Mahmoud Abbas yaneguye ico yise ko ari igitero ku kibanza ceranda.

Ariko abanya Israel bakavuga ko abagumutsi bahinduye ico kibanza urubuga rw'intambara.

Ubu ariko bivugwa ko ibintu vyacureshe.