RD Congo yatanze uburenganzira bwo kwimba igitoro mu mpongore kama

The Bageni family in the gorilla sector of Virunga National Park, on August 6, 2013 in Bukima, DR Congo

Ahavuye isanamu, Brent Stirton/Getty

Insiguro y'isanamu, Uruhongore kama rwa Virunga rurimwo inguge ziri ku mushiro zibera mu misozi

Reta ya RD Congo yafashe ingingo yo kurekura kwimba igitoro mu mpongore kama zikingiye za Virunga na Salonga.

Iyo ngingo yariyamirijwe n'abaharanira gukingira ibidukikije bavuga ko kwimba ibitoro bishobora kubangamira ibikoko bikanatuma n'ubushuhe bwiyongera kw'isi.

Kimwe ca gatanu ca Virunga kizokwimbwamwo igitoro.

Ayo mashamba abamwo inzovu, imamfu zigeramiwe cane hawe na Bonobo, hamwe kandi n'inkende.

Izo mpongore zose zi mu bibanza bikingiwe vya Unesco, aho nka Salonga ingana n'ibirometero kwadrato 36.000, akaba ari ryo shamba rigira kabiri mu bunini inyuma ya Amazon.

Reta yisigura kuri iyo ngingo ivuga ko izoshira ku muzirikanyi ugukingira ibikoko n'ishamba muri izo mpongore zibiri.

A bull elephant bathes and drinks water on the Northern shores of Lake Edward inside Virunga National Park

Ahavuye isanamu, Brent Stirton/Getty

Insiguro y'isanamu, Uruhongore kama rw'ibirunga rufatwa nk'urwa mbere muri Afrika rurimwo ibintu vyinshi

Reta ivuga ko yemeje akanama kajejwe gutegura ibibanza bizokwimbwamwo ibitoro, harimwo ibirometero kwadrato 1.720 canke ibice 21.5% vy'ishamba rya Virunga riri mu buseruko bwa Congo, ishamba rya mbere muri Afrika ririmwo ibintu vyinshi.

Mu ntango z'uyu mwaka, abacungera iryo shamba barabujije abaza kuraba iryo shamba ririmwo ibirunga gushika mu 2019, inyuma y'aho abongereza babiri bagiriwe ingwati hanyuma umupfasoni na we akora muri iryo shamba aricwa.

View from Rumangabo over the Volcano section of Virunga National Park

Ahavuye isanamu, Brent Stirton/Getty

Insiguro y'isanamu, Kuva 1925 abakozi bo mw'ishamba ry'ibirunga bamaze kwicwa bari ku kazi bashika 175.

Ako karere kagumye karangwamwo ubwicanyi, hakaba hamaze kwicwa abakozi bo muri iryo shamba bashika 12 mu ntambara zabahuje n'imigwi yitwaje ibigwanisho hamwe n'abahigi mu mwaka uheze.