Abategetsi b'Uburaya bumvikanye ku bibazo vy'abimukira

Ubutaliyano busaba ibihugu vya Buraya kugabangana abimukira

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ubutaliyano busaba ibihugu vya Buraya kugabangana abimukira

Abategetsi 28 b'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya bapfunditse amasezerano ku kibazo c'abimukira arimwo ukubagabangana mu bihugu bigize umuryango.

Abo bategetsi bumvikanye ko hagiye kwugurugwa ibigo vyo kwakira impunzi mu bihugu vy'i Buraya vyavyemeye, ariko zigakurikiranwa ku mwumvikano w'ibihugu vy'umuryango.

Ntibisobanutse neza aho ivyo bigo bizoshingwa canke ibihugu vyemeye kwakira izo mpunzi.

Abategetsi bari mu nama yarangiye mw'ijoro rikuze, bumvikanye kw'ico kibazo co kwakira impunzi bazogikorana n'ishirahamwe rya Onu ryitaho impunzi "Haut Commissariat pour les Réfugiés" (HCR).

Uwurongoye leta y'Ubutaliyano, Giuseppe Conte yakeje ayo masezerano, avuga ko yagezweko inyuma y'umwanya muremure, avuga ariko ko bayishimiye.

Basavye ko amato akunze kurokora abimukira yokwubahiriza amategeko co kimwe n'amashirahamwe aja muri ico gikorwa, ntaburagize ibikorwa bihasanzwe vy'abagenzura inkengera z'igihugu ca Libiya.

Mu bindi bapfunditse, abo bategetsi bumvikanye kwongera uburyo ibihugu vya Turukiya, Maroc n'ibihugu vyo muri Afrika yo mu buraruko kugira bifashe guhagarika abarondera kwimukira i Buraya.

Umushikiranganji w'imigenderanire mu gihugu ca Maroc, Nasser Bourita, yavuze ku munsi wa kane ko igihugu ciwe kitemeye iciyumviro c'uko hoshingwa ibigo vyo kwakira abimukira mu bindi bihugu bitagize umuryango wa Buraya.

Abimukira baja i Buraya bakunze guca mu gihugu c'Ubutaliyano

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abimukira baja i Buraya bakunze guca mu gihugu c'Ubutaliyano

Igihugu c'Ubutaliyano ari naco abimukira bakunze gushikiramwo, casavye ko hokwama haba ukugabangana abimukira, ivyo kubaterera igihugu bashikiyemwo bikarangira.