Merkel asaba Uburaya kwumvikana ku masezerano araba abimukira

Ahavuye isanamu, AFP
Imbere y'inama y'umuryango w'ibihugu vya Buraya, umukuru wa leta y'Ubudagi Angela Merkel asaba ivyo bihugu gukora ngo bitorere hamwe inyishu ku kibazo c'abimukira.
Yabwiye abajejwe amateka ko ikibazo c'abimukira gishobora kuba mu bivugwa cane muri kino gihe i Buraya.
Ateye ako kamo imbere y'inama y'umuryango w'ibihugu vya Buraya ifise intego yo kwihweza ingene ikibazo c'abimukira cotoregwa umuti - na cane cane abanyafrika - babandanya kujabuka ikiyaga ca Méditerranée bagashira mu kaga ubuzima bwabo.
Madamu Merkel arakomerewe arondera ko hoshigwaho amasezerano yohagarika bashasha bipfuza kwinjira i Buraya.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Horst Seehofer, yamusavye kuba yatoreye ico kibazo inyishu gushika mu mpera z'ino ndwi.
Nayahandi yavuze ko azoca atangura kwirukana abimukira atanguriye mu ntara avukamwo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abo bimukira barimwo abahunga ingwano yo muri Siriya hamwe n'izindi ndyane, barondera ubuhungiro.
Avuga ko kugira umuryango wa Buraya ugume wizegwa, ko ukwiye gukemura ico kibazo udashize inyuma ivyo vyose biha agaciro umugabane wa Buraya.
Ivyo ibihugu vy'uwo muryango bitumvikanako ni kugabangana uruhara kimwe kimwe cogira ku bijanye n'abo bimukira bajabuka ikiyaga ca Méditerranée.
Ibihugu bikomeye mu muryango bishaka ko n'ibindi bifasha muri ico kibazo, ariko ibihugu vyo mu karere ka Buraya ya hagati vyaravyiyamirije.

Ahavuye isanamu, AFP
Igitigiri c'abimukira barondera kuja i Buraya caragabanutse kuva aho gishikiye kw'isonga mu 2015.
Igihugu c'Ubutaliyano nico ca mbere gifise abimukira benshi ku butaka bwaco.











