“Nafashwe ku nguvu, ndibaruka, nkaba mfasha abigeme gukorora inda mu mpisho nkoresheje WhatsApp"

Ahavuye isanamu, Ana Terra Athayde/BBC
Umugore yafashwe ku nguvu afise imyaka 19 ahakwa gutabwa mu mvuto, mu kuba afasha abandi bagore muri Brésil gukuramwo imbanyi kubiri n'amategeko.
Abigail - si izina ryiwe ry'ukuri - afise imyaka 23, akongera akagira umwana w'imyaka ine.
Niwe yatanguje mu kinyegero umugwi wa WhatsApp, wafashije abagore amajana muri Brésil gukuramwo inda batipfuza kugumana.
Brésil ni igihugu kirimwo amategeko akomeye abuza gukuramwo imbanyi, ivyo bigatuma abagore bagira ingorane iyo bipfuza gukuramwo inda, n'igihe baba bafashwe ku nguvu naho muri ico gihe birekuwe n'amategeko.
Biciye mu mugwi wa WhatsApp, abagore bashobora guca iruhande y'amategeko, bakarondera ibinini vyo gukuramwo inda bitangwa mu bitaro.
Abigail hamwe n'abandi bagore bakiri bato batatu - umwe muri bo azi ivy'ubuvuzi - nibo babafasha muri vyose, mu kuza bararungikiranira ubutumwa bw'amajambo n'amajwi umunota ku munota igihe baba bariko barababara bakuramwo inda.
Uwo mugwi usanzwe uzi ko uba uriko urarenga amategeko, ko hari igihe ushobora gusanga wabuze umwidegemvyo.
Ariko bazi ko mu gihe batoba bafashije, abo bagore bakiri bato bohava bagira ingorane zikomeye kurusha igihe boba bagiye gukoroza inda mu mavuriro atemewe n'amategeko.
Nkuko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bubishikiriza, niburiburi abagore bane barapfa ku munsi muri Brésil bitewe n'ingorane zaduka iyo bariko bakuramwo imbanyi mu buryo butizeza.
Igitigiri c'imbanyi zikugwamwo mu kinyegero gishika ku nusu y'umuliyoni, benshi mu bazikuramwo bakaba bajanwa munyuma mu bitaro kubera ingorane zadutse munyuma.
Ikibanza ciza

Ahavuye isanamu, Ana Terra Athayde/BBC
Ninjiye muri uwo mugwi wa WhatsApp ninyegeza, niyita umugore afise inda arondera kuyikuramwo.
Mu mezi atanu, narakurikiranye ivyo baganira imbere yuko mpamagara abawutanguje, nkababwira ko ndi umumenyeshamakuru wa BBC akorera muri Brésil.
Hari muri kino gihe abagore barenga 80 muri uwo mugwi, uronka abanywanyi bashasha ku kwezi.
Abandi baca basezera umugwi igihe bahejeje gukuramwo inda.
Ni ibihe bike cane, aho usanga hari uwemeye kugumizamwo inda ashaka umwana.
Abakoresha ubwo buryo benshi ni abana, uwo mugwi usigaye ari ihuriro ryiza aho abagore bafashwa bakongera bagashigikigwa.
Umwe mu barongoye uwo mugwi agereranya ko mu myaka itatu, bamaze gufasha abagore 300 gukuramwo imbanyi.
"Hari igihe nibaza kubihagarika, ariko iyo mbonye umugore aronse akaryo ntigeze ndonka, numva merewe neza kurusha," niko Abigail yabwiye BBC.
"Numva nishuriwe."
"Ndashima kubona abagore babandanya ubuzima bwabo."
Nafashwe ku nguvu nongera ndakumigwa

Ahavuye isanamu, MOD
Abigail avuga ko yari afise imyaka 19 igihe umupolisi amunyurururije munyuma akamusambanya ku nguvu.
Amazwe guhahamuka, yamaze indwi zibiri aryamye mu gitanda c'umugenzi gushika igihe yumvise ko afise intege zo kuja gushikiriza ivyamushikiye ku biro vy'igipolisi.
Agejejwe mu biro vy'igipolisi bikurikirana amabi akorewe abagore, abakora itohoza baciye bamupfunga mu kuba yashikanye imbere amabi yakorewe.
"Narakumiwe. Igihe nja ku gipolisi kijejwe ibibazo vy'abagore, narakomerekejwe nongera ndavumwa nabi," niko avuga.
"Igihe mbwiriye uwurongoye igipolisi izina ry'uwamfashe ku nguvu, uwo mugore w'umupolisi yambwiye ko ataco yomfasha."
Inyuma y'amezi atatu, Abigail yasanze yasamye imbanyi.
"Inyuma y'aho mfatiwe ku nguvu, numvise nacitse inkokora. Narashatse kwiyica igihe kimwe ariko niyumvira nti si kazima nkiriho. Nzokurikira indoto zanje munyuma ibindi vyose bigende neza."
"Munyuma nsanga mfise inda, nabona ko umengo ubuzima burarangiye."
Nta kundi nobikika

Yashatse gukuramwo iyo mbanyi, aca aja kuraba ko yobifashwamwo ku bitaro.
Amategeko yo mu gihugu ca Brésil aremera ko umunttu yafashwe ku nguvu ashobora gukuramwo inda, canke ku ngorane ziturutse ku mbanyi canke iyo ubuzima bw'umuvyeyi bugeramiwe.
Ntibiba bikenewe ko umuntu yirigwa araja kuvuga ivyamushikiye ku gipolisi, ariko ibitaro vyinshi birasaba icegeranyo c'igipolisi kugira ngo bishobore kwemera ko akuzamwo imbanyi.
"Bansavye icegeranyo c'igipolisi ariko ntaco nari mfise," niko Abigail avuga.
Nahavuye nibaruka, ubu umwana afise imyaka ine.
Abigail avuga ko abantu bamukumira mu kuba "ata mugabo afise".
"Abantu benshi ntibazi ivyambayeko (gufatwa ku nguvu) bakibaza ko ntazi se w'umwana."
"Ndakunda umuhungu wanje. Ariko sinipfuza gusama inda. Sinipfuza kuba umuvyeyi. Vyatumye ubuzima bwanje buhinduka cane."
"Numva mfise ubuzima bwose imbere yanje, munyuma numva ko nabwatswe.
'Ntibikwiye'

Ahavuye isanamu, Kako Abraham/BBC
Avuga ko uwo mugwi wabo ari uburyo bwo gufasha abagore badafise ukundi bobikika, igihe baba badashobora gukuzamwo imbanyi ku bitaro bitewe n'ukuntu amategeko y'igihugu ca Brésil atunganijwe.
Avuga ko yipfuza gukingira abagore ntibaje mu mavuriro atemewe n'amategeko, canke ngo bikuranemwo inda atawubafashije.
"Sinibaza ko bikwiye ngo bibe ngombwa ko abagore bakora bino, utiriwe uraraba igituma batipfuza abana."
Igihe we canke bagenziwe boba bafashwe, bashobora gupfungwa imyaka ine mu kuba bafashije gukorora inda uwayisamye avyiyemereye.
Hari n'ibindi vyaha vyokwinjizwamwo, nko kugurisha ibinini bifasha gukorora inda mu buryo bwa magendo, no gushinga umugwi w'inkozizikibi.
"Hashobora gushika umunsi igipolisi coza kundondera," niko avuga.
"Nipfuza ko bitoba vuba. Nizeye ko bitazoshika. Bizoba ari bibi, bibaye. Ntivyogenda neza ndamutse ninjiye umunyororo."










