Romario arondera kuba Bulamatari wa Rio de Janeiro

Uwo mukinyi wa kera w'umupira w'amaguru yafashije umugwi w'igihugu gutwara igikombe c'isi mu 1994

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY

Insiguro y'isanamu, Uwo mukinyi wa kera w'umupira w'amaguru yafashije umugwi w'igihugu gutwara igikombe c'isi mu 1994

Uwigeze kuba umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru, Romario de Souza ariko yitegurira kuja mu matora yo kugwanira ikibanza ca Bulamatari muri Rio de Janeiro.

Bwana Romario asanzwe ari umushingamateka, yafashije gutwara igikombe c'isi mu 1994, yavuze kw'iyamamaza ryiwe rizokorera ku bibazo vy'ubwicanyi n'ic'ubutunzi bihanze igihugu.

Azokwitoza kw'itike ry'umugambwe ugendera ku vyiyumviro biri hagati, Podemos.

Yarakejwe mu mabanga arimwo y'umukenguzamateka, mu kuba yafashije kugwanya ibiturire mu mupira w'amaguru.

"Muri bino bihe vy'akajagari, guhindura ibintu birakenewe kandi birihutigwa...Rio yama ifise ingorane z'umutekano, ariko ubu ho birarenze urugero," niko uwo mugabo w'imyaka 52 yavuze ku munsi wa gatandatu amenyesheje ko agiye kwitoza.

Romario yaheruka kugwanira ikibanza c'umukuru w'igisagara wa Rio de Janeiro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Romario yaheruka kugwanira ikibanza c'umukuru w'igisagara wa Rio de Janeiro

"Nta buzobere bwo kurongora mfise. Nzomuba Imana ibishatse, mu gihe ari ubwa mbere nzoba ndonse akaryo ko kwerekana ivyo nize vyose mu buzima bwanje."

Uwo mukinyi wa kera wa Barcelona ariko arakogwako itohoza, mu kuba yanyegeje ivyo atunze ku kwanka kuriha amadeni, niko itangazamakuru rya Brésil rivuga.

We arahakana ivyo birego.