Mnangagwa: "Igihe canje nticari bwagere"

Prezida Mnangagwa (hagati) yariko yiyamamariza amatora ategekanijwe mu kwezi kuza

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Prezida Mnangagwa (hagati) yariko yiyamamariza amatora ategekanijwe mu kwezi kuza
Igihe co gusoma: iminota 2

Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yavuze ko igihe ciwe kitaragera inyuma yaho asimbiye imanga ku gitero c'igisasu catewe ku kibuga ca Bulawayo ari mu myiyamamazo.

Bwana Mnangagwa yavuze ati: "ikintu caturikiye hafi yaho nari ndi - ariko isaha yanje ntiragera".

Ku masanamu ya Video yafatiwe ku kibuga "White City Stadium", ubona ico giturika kibera hafi ya Bwana Mnangagwa avuye kuri "podium" yashikiriza ijambo abamushigikiye.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu, David Parirenyatwa yavuze ko abantu 15 aribo bakomeretse, batatu bakaba baremvye.

Nta gitigiri ntabanduka c'abantu bakomeretse catanzwe ariko amakuru avuga ko bashobora kuba ari benshi cane.

Prezida yari i Bulawayo, igisagara ca kabiri gikomeye muri Zimbabwe ariko cuzuyemwo abatavuga rumwe n'ubutegetsi, aho yariko yiyamamaza kw'itike ry'umugambwe Zanu-PF ku matora ategekanywa itariki 30 ukwezi kw'indwi.

Niwe ashobora gutsinda amatora ariko abazi utuntu n'utundi bavuga ko afise kandi n'abansi - mu kuba yakuje Robert Mugabe no kuba yakoreye ubutegetsi bwiwe.

Umuvugizi wa Bwana Mr Mnangagwa yavuze ko Prezida ataco yabaye, ko icegera ciwe Kembo Mohadi yakomeretse ku kuguru.

Ikindi cegera c'umukuru w'igihugu, Constantino Chiwenga, yakomeretse mu maso.

Abatabazi b'ikigo Croix Rouge batwaye umusirikare yakomerekeye muri iyo myiyamamazo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abatabazi b'ikigo Croix Rouge batwaye umusirikare yakomerekeye muri iyo myiyamamazo

Abandi bategetsi barimwo umupfasoni arongoye umugambwe Zanu-PF, Oppah Muchinguri-Kashiri, nabo nyene bakomeretse hamwe n'abakozi bo mu ndege n'abakora mu gisata c'umutekano.

Bwana Mnangagwa w'imyaka 75, yavuze ko yagiye gusuhuza abakomeretswe mu bitaro.

Yaneguye ubwo bwicanyi budasiguritse, asaba abanyagihugu kwiyunga.

"Ndamenyereye ibitero nka mwen'ivyo," niko yabwiye itangazamakuru ry'igihugu.

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

"Mu gihe tukirindiriye amakuru arambuye, ndifadikanije mu gisabisho n'abo bose bibasiwe n'ubwo bwicanyi budafise insiguro..."

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

"Kuri uno muhingamo, igihe twariko tuva mu myiyerekano y'agakura i Bulawayo, hari ikintu caturitse kuri "podium". Cibasiye abantu benshi, nagiye kubasuhuza mu bitaro."