Mnangagwa: Mugabe yavuye ku butegetsi 'mu mahoro '

Rais Emmerson Mnangagwa
Insiguro y'isanamu, Rais Emmerson Mnangagwa

Prezida mushasha wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yabwiye BBC ko azoha uturusho twinshi Robert Mugabe yahora arongoye ico gihugu n'umupfasoni wiwe.

Yavuze ko Mugabe azobandanya aronka umushahara wiwe hamwe n'utundi dusunuzo dusanzwe harimwo kugendera mu kibanza c'iteka mu ndege (First class), kandi ku mahera ya reta.

Ariko prezida Mnangagwa avuga ko ata muntu n'umwe ari hejuru y'amategeko kandi adashobora gushengezwa imbere y'ubutungane.

Kandi yavuze ko Zimbabwe igiye gusubira kwunga ubucuti n'amakungu.

"Nta budahangagwa twahaye umuntu n'umwe uretse ko nemereye prezida nasubiriye n'umuvyeyi w'igihugu cacu, Robert Mugabe ko tuzomuha uburusho n'umushahara wiwe nk'uwo yahora afata, kwiyunguruza, ibiro, umutekano, kandi na reta yanje izomufasha kuja muri Singapour kwivuza, hamwe n'ibigenewe umupfasoni wiwe".

Mnangagwa avuga ko reta yiwe nshasha iriko irita ku rutare mu kugwanya igiturire.

"Aho mpagaze n'uko igiturire kidashobora kwihanganirwa na gato, ntidushobora kuvyihangabnira, kandi nimwaba mukurikirana ibibera muri Zimbabwe ubu, abantu benshi bahora bashinzwe amabanga ahambaye bariko bararengutswa imbere y'ubutungane, kandi ni mu mezi abiri gusa dutanguye igikorwa co kugwanya igiturire".