Zimbabwe: Prezida Mnangagwa ngo nta leta rusangi ikenewe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yavuze ko muri kino gihe "bidakenewe" ko hatunganywa leta ya bose yojamwo abo mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi "Movement for Democratic Change" (MDC).
Bwana Mnangagwa -- yaje ku butegetsi mu kwezi kwa 11 abushikanyweko n'igisirikare cabanje gukura Robert Mugabe -- yashikirije ayo majambo avuye kuraba indongozi ya MDC, Morgan Tsvangirai.
Prezida Mnangagwa ariko ararondera gushinga leta nshasha, yova mu barongoye umugambwe ZANU-PF n'abasirikare bakuru.
Iyo leta yorongora igihugu ca Zimbabwe gushika igihe c'amatora ategekanijwe mu kwezi kw'umunani.






