Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump na Kim bashitse muri Singapour aho bagiye kubonanira
Prezida wa Amerika Donald Trump n'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un bashitse mu gihugu ca Singapour aho bategekanya kugirira umubonano.
Bwana Trump yajanywe n'indege Air Force One, haheze amasaha Bwana n'abamuherekeje bashitse.
Inama izoba ibaye iya mbere ihuje indongozi ya Korea ya Ruguru n'umukuru w'igihugu ca Amerika ari ku butegetsi, izobera mw'ihoteli iri kw'izinga rya Sentosa ku munsi wa kabiri.
Bwana Trump yafashe iyo nama ko ari "ingunga imwe" yo kurondera amahoro, ko bose bahuriye mu "gihugu batazi".
Amerika yizeye ko iyo nama izotanguza inzira yotuma Bwana Kim atangura kuvirira umugambi wiwe w'ibigwanisho vya "nucléaire".
Abo bategetsi babiri baragiraniye imigenderanire yagiye icumbagira muri ano mezi 18, baterana imikomo bongera bagabishanya guterana imbere yuko ingendo ihinduka bakumvikana ko bohura amaso mu yandi.