Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege yahanutse itwaye abantu cumi muri Kenya yatowe
Indege y'ishirahamwe FlySax yahanutse itwaye abantu cumi yatowe mu karere k'ahitwa Aberdares ari ibijanju nkuko umushikiranganji wo kwunguruza abantu n'ibintu Paul Maringa yavuze.
Uwo mushikiranganji yavuze ko abantu cumi bari mu ndege Cesna 208 yari imaze iminsi ibiri yarabuzwe irengero bose bitavye Imana.
Ku bw'uwo mutegetsi umugwi w'abatabazi b'ikigo kigenzura ibikoko vyo mw'ishamba Kenya Wildlife Service, nibo batoye iyo ndege basanze ari ibimanyu kuri uno wa kane mu gitondo mu karere ka Aberdares ku birometero 80 mu buraruko bw'umugwa mukuru Nairobi.
Amashusho yayo yerekanywa n'ikinyamakuru Nation:
Abandi bashitse muri ico kibanza iryo sanganya ryabereyemwo, ni abaganga hamwe n'abakozi b'ikigo c'umusalaba utukura "Croix Rouge".
Ubutegetsi buvuga ko impanuka y'iyo ndege yoba yatewe n'igicu kibi mu gihe hari haguye imvura nyinshi irimwo n'igipfungu, ariko ngo bwatanguje n'itohoza.
Abadereva babiri hamwe n'ingenzi umunani nibo baguye muri iyo mpanuka, umushikiranganji Maringa akaba yahojeje imiryango yabuze.
Iyo ndege yabuzwe irengero kuri "radar" ku munsi wa kabiri ku muhingamo, haheze isaha irenga ivuye mu gisagara ca Kitale, mu burengero bw'igihugu ija i Nairobi.