Yakatiwe gupfungwa imyaka 10 kubera inyandiko kuri facebook

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwuharanira agateka ka zina muntu akomeye wo muri United Arab Emirates (UAE) yakatiwe igipfungo c'imyaka cumi mu munyororo kubera inyandiko yashize ku mbuga hwaniro.
Ahmed Mansoor yagirijwe gusiga iceyi "igihagararo c'igihugu n'agateka kaco" hamwe no gutyoza abarongozi ba UAE.
Bwana Mansoor yatsindiye agashimwe mpuzamakungu gakomeye mu 2015, kubera ibikorwa vyiwe aharanira agateka ka zina muntu.
Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu rifise icicaro i New York, Human Rights Watch, ryiyamirije ivyakorewe uwo mugabo.
Ryavuze ko ipfungwa ryiwe rishira ahagaragara ingene UAE itihanganira "kunengwa na gatoyi n'umuntu ashaka amahinduka y'ukuri".






