Umwongereza afungiwe i Dubai azira kuduza urutoki rwo hagati

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugabo w'umwongereza yadugirije urutoke rwo hagati uwundi mushoferi i Dubai, ari mu minwe y'igipolisi yagirizwa inyifato y'ubusotozi.
Jamil Ahmed Mukadam, aturuka Leicester, avuga ko yakoze ivyo bitewe n'ishavu, igihe uwundi mushoferi amuciye imbere akamubuza kurengana kandi ariwe yari mu buryo.
Ivyo vyashitse mu kwezi kwa kabiri ariko afungwa itariki 10 z'ukwezi kw'icenda, asubiye i Dubai mu karuhuko ubugira kabiri.
Igitabo c'inzira ciwe caciye gifatwa, munyuma Bwana Mukadam abwirwa ko ategerezwa kuguma mu gisagara ngo bamucire urubanza.
Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire yavuze ati: "Turiko turafasha umugabo w'umwongereza afungiwe i Dubai, aguma avugana n'ubutegetsi."
Bwana Mukadam, akora mu butegetsi bw'Ubwongereza mu buhinga bw'itumanako, yavuze ko atari azi ko afise urubanza rumukurikirana igihe agarukiye i Dubai.
"Mfise ubwoba ko amahera ashobora kumperana imbere yuko nitaba sentare," niko yavuze.
"Nta muntu numwe yipfuza kumara amezi abiri canke arenga mu mahoteli y'i Dubai."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe "Detained in Dubai" (mfungiwe i Dubai) niryo ririko rirafasha Bwana Mukadam mu rubanza rwiwe.
Radha Stirling, arirongoye, avuga ko ishirahamwe ry'indege "United Arab Emirates" (UAE) arico kibanza abanyagihugu baturuka mu Bwongereza bakunda gufatigwamwo.










