Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umubirigi yaciriwe urwo gupfa muri Irake kubera iterabwoba
Sentare muri Irake yaciriye urubanza rwo gupfa Umubirigi w'umugwani wa ki Islam, yagiriwe n'icaha co kwifatanya n'umugwi wiyita leta ya Islam, canke I S.
Tarik Jadaoun, yihaye izina rya Abu Hamza al-Beljiki, yafatiwe mu muji wa Mosul mu mwaka uheze mu gikorwa co kwirukana I S.
Uwo murwanyi wa ki Islam, afise amamuko yo muri Maroke, yari yabanje kuja muri Syria mu 2014 mu barwanyi b'uwo mugwi.
Yagaragaye muri za video zihayagiza I S, ariko aragabisha ko azogaba ibitero i Buraya.
Ariko we yagumye ahakana ivyaha vy'iterabwoba yagirizwa.