Umubirigi yaciriwe urwo gupfa muri Irake kubera iterabwoba

Sentare muri Irake yaciriye urubanza rwo gupfa Umubirigi w'umugwani wa ki Islam, yagiriwe n'icaha co kwifatanya n'umugwi wiyita leta ya Islam, canke I S.

Tarik Jadaoun, yihaye izina rya Abu Hamza al-Beljiki, yafatiwe mu muji wa Mosul mu mwaka uheze mu gikorwa co kwirukana I S.

Uwo murwanyi wa ki Islam, afise amamuko yo muri Maroke, yari yabanje kuja muri Syria mu 2014 mu barwanyi b'uwo mugwi.

Yagaragaye muri za video zihayagiza I S, ariko aragabisha ko azogaba ibitero i Buraya.

Ariko we yagumye ahakana ivyaha vy'iterabwoba yagirizwa.