Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Irake yahejeje urugamba n'umugwi wiyita Leta ya Islam
Umushikiranganji wa mbere wa Irake, Haider al-Abadi, yatangaje icese ko urugamba barimwo n'umugwi wiyita Leta ya Islam canke IS rwaheze.
Yabariye abamenyeshamakuru mu kiganiro i Baghdad yuko abasirikare ba Irake ubu bagenzura uturere twose IS yari yarigarurire hafi y'urubibe na Syria.
Ibi bitangajwe nyuma y'imindi ibiri igisirikare c'Uburusiya gitangaje ko cahejeje igikorwa caco muri Syria, kivuga ko ata hantu na hamwe hasigaye hakiri mu minwe ya IS.
Bamwe muri abo barwanyi ba ki Islam barashwiragiye mu gihugu hagati, mu gihe abandi barimwo n'abanyamahanga, vyibazwa ko bajabutse urubibe rwa Turkiya.
Gutembagara kw'icibare ca IS yari yise caliphate, kwahuriranye no kwiyongera kw'ibitero vy'abiyahuzi i Buraya hamwe n'ahandi.