Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abiyahuzi bishe 11 muri Indonesia
Abantu 11 baguye mu bitero vy'abiyahuzi bisa n'ivyagabwe igihe kimwe ku masengero atatu yo mu gisagara ca Surabaya mu gihugu ca Indonesia.
Abandi baharugwa mu mirongo bakomerekeye muri ivyo bitero, bivugwa ko mu babigavye harimwo umugore yaje mw'isengero afise abana babiri.
Nta muntu canke umugwi uremanga ivyo bitero.
Mu bindi vyabaye, igipolisi cishe kirashe abantu bane ciketse ko bari mu bikogwa vy'iterabwoba, mu gisagara ca Cianjur.
Indonesia ni igihugu kigwiriyemwo abanyagihugu bo mw'idini rya Islamu, ariko kikabamwo n'abakirisu barenga imiliyoni 20.
Intagondwa z'aba Islamu ziramaze kugaba ibitero mw'ico gihugu mu myaka ya vuba.