Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nyamugigima yahitanye benshi muri Indonesia
Nyamugigima ikomeye yishe abantu 24 yonona n'ibintu vyinshi mu ntara ya Aceh mu gihugu ca Indonesia.
Abategetsi bavuga ko abantu benshi baguweko n'ibihome vy'inzu zabomotse.
Iyo nyamugigima ifise ibipimo vya Richter 6.4 yadutse hagufi y'igisagara ca Sigli mw'izinga rya Sumatra, aho amazu menshi yabomaguritse.
Ikigo kijejwe kugenzura ikirere muri Indonesia kivuga ko ata bwoba ko hashobora kuza igihuhusi.
Mu mwaka wa 2004, intara ya Aceh yarononekaye cane bivuye ku gihuhusi catewe na nyamugigima nini.
Abantu 120.000 ni bo bahasize ubuzima muri iyo ntara.
Ikigo kijejwe ubutaka muri Amerika kivuga ko iyo nyamugigima yadutse mu gihe ca 11:03 mu gitondo muri Indonesia (22:03 GMT) ku musi wa kabiri ku birometero 17.2 uja mu kuzimu.
Said Mulyadi, icegera c'uwurongoye akarere ka Pidie Jaya, kakozweko cane n'ico kinyamugigima, yabwiye igisata ca BBC muri Indonesia ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana.