Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibihugu 9 bibanyi vya Kongo vyagabishijwe kubera ebola
Ishirahamwe mpuzamakungi rijejwe amagara kw'isi, OMS, rivuga ko ryagabishije ibihugu icenda bihana urubibe na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo kubera ikiza ca ebola kiharangwa.
Ariko OMS ivuga ko hakiri kare kugira ico kiza kibe cokwira hose mu karere, ngo ariko bariteguye mu buryo bwose kandi ngo ntibashobora kubifata minenerwe.
Gushika ubu hari abantu cumi n'umwe bakekwa kuba baranduye mu ntara ya Equateur mu buraruko bushira uburengero bwa Kongo.
OMS yizera ko abajejwe intwaro muri Kongo bazokwemera ko hakoreshwa urukingo rukiriko rurageragezwa.
Mu 2014 abantu barenga ibihumbi cumi na kimwe barahitanywe n'ikiza ca ebola mu burengero bwa Afrika.