Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore yarongowe incuro 11 yicishijwe amabuye muri Somalia
Umugore yicishijwe amabuye muri Somalia inyuma yaho sentare yo muri ico gihugu irongowe n'abagwanyi ba Al-Shabab imwagirije kwubakana n'abagabo benshi, niko ikinyamakuru gikorana n'abo bagwanyi kivuga.
Shukri Abdullahi Warsame yagirijwe kurongogwa incuro 11, atabanje kwahukana n'abagabo biwe ba mbere.
Yahambwe gushika kw'izosi, aca ategwa amabuye n'abo bagwanyi gushika acikane, mu gisagara ca Sablale mu ntara ya Lower Shabelle.
Mu 2014, Al-Shabab yaricishije amabuye uwundi mugore imwagiriza kurongogwa n'abagabo bane mw'ibanga, muri komine ya Barawe ku nkengera zo mu bumanuko bwa Somalia.