Umugore yarongowe incuro 11 yicishijwe amabuye muri Somalia

Abagwanyi ba Al Shabaab baracagenzura uduce twinshi twa Somalia

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abagwanyi ba Al Shabaab baracagenzura uduce twinshi twa Somalia

Umugore yicishijwe amabuye muri Somalia inyuma yaho sentare yo muri ico gihugu irongowe n'abagwanyi ba Al-Shabab imwagirije kwubakana n'abagabo benshi, niko ikinyamakuru gikorana n'abo bagwanyi kivuga.

Shukri Abdullahi Warsame yagirijwe kurongogwa incuro 11, atabanje kwahukana n'abagabo biwe ba mbere.

Yahambwe gushika kw'izosi, aca ategwa amabuye n'abo bagwanyi gushika acikane, mu gisagara ca Sablale mu ntara ya Lower Shabelle.

Mu 2014, Al-Shabab yaricishije amabuye uwundi mugore imwagiriza kurongogwa n'abagabo bane mw'ibanga, muri komine ya Barawe ku nkengera zo mu bumanuko bwa Somalia.

Soma ibindi bigiye gusa n'ivyo: