Onu yagiriza igisoda ca Afuganistani kugaba igitero ku basivile

Itohoza ryakozwe n'umuryango wa Onu muri Afuganistani ryasanze benshi mu baguye mu gitero ca leta mu ntara ya Kunduz mu kwezi guheze ari abana.

Icegeranyo casohowe ku bijanye n'ico gitero (itariki 2 ukwezi kwa Kane) kivuga ko abantu 36 aribo bishwe, abarenga 70 barakomereka.

Ico cegeranyo kivuga ko leta yakoresheje ibigwanisho vyo mu bwoko bwa roketi n'ibindi bigwanisho bikomakomeye ku bemera Imana bari bakoranye, kikagiriza ubutegetsi kuba ataco bwakoze ngo bukingire abasivile.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Afuganistani yavuze ico gihe ko ico gitero cahitanye abantu 18 mu ntwazangabo z'abatalibani.

Kivuga gishimitse ko ata musivile numwe yaguye mu bitero vyo kwivuna vy'abatalibano.