Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abitwaje ibirwanisho bishe abantu baturira amazu muri Nigeria
Abatuye hafi y'aho vyabereye bavuga ko abantu mirongo ine na batanu bishwe mu ntara ya Kaduna mu buraruko bwa Nigeria, igihe abitwaje ibirwanisho batera ikigwati.
Uwo mugwi w'abitwaje ibirwanisho wagiye uranaturira amazu aho waciye hose muri ico kigwati.
Abajejwe intwaro bavuga ko abo bateye baje bava mu ntara ya Zamfara iri hafi, ahamaze kugabwa ibitero vyinshi mu mezi aheze bigabwe n'abasuma b'inka bafise ibirwanisho bikomeye.
Benshi baguye muri iki gitero cabereye mu kigwati ca Birnin Gwari bari mu mugwi w'abacungera umutekano, washinzwe n'ababa muri ico kigwati.
Abahatuye basaba igisirikare kuza kubafasha nyuma y'ibitero vyinshi bimaze kugabwa ku bigwati bitandukanye.
Leta y'umukuru w'igihugu Muhammadu Buhari yaratunzwe agatoki cane yagirizwa kudakora ibihagije ngo igarukane umutekano.