Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indyane mu borozi n'abungere zahitanye 30 muri Nigeria
Ubutegetsi bwa Nigeria buvuga ko n'imiburiburi abantu 30 bishwe abandi benshi barakomereka mu bitero vyagabwe ku wa gatatu mw'ijoro mu bigwati vyo mu ntara ya Adamawa.
Iyo ntara irakunze gutegwa n'abagwanyi b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram, ariko ubwicanyi bwabaye ngo bwoba bushingiye ku bibazo biri hagati y'aborozi n'abarimyi, nkuko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC akorera muri Nigeria, Ishaq Khalid.
Abashikanye ayo makuru bavuga ko abateye bitwaje inkoho hamwe n'imipanga, bateye ibigwati bitanu vya Numan na Adamawa bica abantu mirongo, baturira n'amazu.
Abanyagihugu ngo baciye bahungira mu mashamba ari hafi, ariko ubutegetsi bukavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kuduga.
Bwegeka ubwo bwicanyi ku bungere bakunze kugiriranira ibibazo n'abarimyi kubera amatongo.
Ivyo bitero vy'abungere bibaye haheze umunsi umwe abiyahuzi babiri bakekwa kuba abo mu mugwi Boko Haram bishe abantu mirongo ku musigiti no mw'isoko mu gisagara ca Mubi, muri iyo ntara ya Adamawa.