Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Macron aremeza ko Trump agiye kwikura mu masezerano ya Iran
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron avuga ko yoba yananiwe kugondoza Donald Trump kuguma mu masezerano mpuzamakungu ku bigwanisho vy'ubumara na Iran.
"Uko ndabibona... ashaka kwivana muri ayo masezerano kubera ibibazo vyo hagati mu gihugu," uko ni ko Macron yavuze inyuma y'urugendo rw'imisi itatu muri Amerika.
Trump afise gushika itariki 12 z'ukwezi kwa gatanu, gufata ingingo kuri ayo masezerano afise intumbero yo ku uza Iran kuronka ibigwanisho vy'ubumara.
Yagumye anebagura ayo masezerano, avuga ko adakwiye.
Muri ayo masezerano, yashitsweko kuntwaro y'uwo Trump yasubiriye, Barack Obama, Iran yaremeye guhagarika umugambi w'ibigwanisho vy'ubumara mu ntumbero ko ico gihugu na co gitezurigwa ku bihano cafatiwe.
Gusaba prezida wa Amerika kwisubirako ku kibazo ca Iran Macron yari yakigize ikibazo nyamukuru mu rugendo rwiwe, ariko rurangiye bigaragara ko Trump ashobora kuva muri ayo masezerano.
Yumvikanye na Trump ko amasezerano ayo ari yo yose ategerezwa girwamwo uruhara n'ibihugu vyo mu karere ko hagati kandi akaraba n'ibikorwa vyari bihasanzwe vy'ibigwanisho vy'ubumara vy'ico gihugu hamwe n'ibisase bishika kure.
Yavuze ko ashobora gukorana na Trump mu gutunganya umugambi werekeye akarere ko mu burasirazuba bwo hagati- na cane cane Syria.